Accueil > Amakuru > Rwanda > Kigali : Abakuru b’ibihugu 35 bitezwe mu nama y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa (...)
Kigali : Abakuru b’ibihugu 35 bitezwe mu nama y’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika
dimanche 10 Mukakaro 2016, par
Abakuru b’ibihugu 35 bo ku mugabane wa Afrika nibo bamaze kwemeza ko bazitabira inama ya 27 y’Umuryango w’ubumwe bwa Afrika izotangurira i Kigali kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 10 kugeza kurya 18 Mukakaro 2016.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi makungu, Louise Mushikiwabo, yamenyesheje ko Urwanda rwiteguye neza kwakira iyo nama y’abakuru b’ibihugu n’ama Reta ahurikiye mu muryango w’ubumwe bwa Afrika. Mu bakuru b’ibihugu hafi 50 bitezwe kuba bari muri iyo nama, abagera kuri 35 akaba aribo bamaze kwemeza ko bazoba bahari.
Ubuyobozi bw’igisagara ca Kigali bumenyesha ko bwahejeje imyiteguro, yaba mu bijanye n’umutekano, hamwe n’isuku.

Ibiganiro ku rwego rw’abakuru b’ibihugu n’ama Reta bizotangura kuwa 16 Mukakaro, akaba ari ibiganiro vyiswe African Peer Review Mechanism (APRM), uburyo bwashizweho n’abakuru b’ibihugu vya Afrika, mu ntumbero y’ukwisuzuma muri poritike, ubutunzi hamwe n’imibereho myiza.

Kuri uwo munsi nyene kandi, abakuru b’ibihugu bazitabira inama ku mahoro n’umutekano muri Afrika, ikazitabirwa n’abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu vyabo n’ayandi makungu, hamwe n’abayobozi n’abaserukira umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Kuva kuwa 17 kugeza kuwa 18 Mukakaro, niho hitezwe inama yaguye y’ubumwe bwa Afrika, izitabirwa n’abakuru b’ibihugu n’ama Reta, abahoze ari abakuru b’ibihugu biri muri uwo muryango, intumwa z’ubumwe bwa Afrika, abashikiranganji b’imigenderanire n’ayandi makungu, hamwe n’abaserukira amashirahamwe y’abafasha mu bihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

IGIHE
Messages
10 Mukakaro 2016, 18:21, par suredeal
Nkurunziza na wamuhanuzi we banana (Bishop) ko bataje kureba icyo bita guteza imbere igihugu akanyoni katagurutse........ kandi ubuhanuzi butagira imirimo ntinkinzozi z’umutindi mugihe mutarasobanuka nabagira inama yo gutelefona mubuhinde kugirango bashakire ikindi gihembo muzereka abanyagihugu
10 Mukakaro 2016, 20:05, par Côme Manirakiza
Abo Bategetsi Bazogende Bavuganye Kukibazo C’uburundi N’urwanda
10 Mukakaro 2016, 20:16, par MUYAHUDI
NIMWIRAMBIRA ARIKO MUZOHANUR KAGAM AREKE KUTUVYONGERA MUBURUNDI
10 Mukakaro 2016, 21:33, par GABINO
MBEGA NA HERODE WUBURUNDI NIYO AZOBARI,CANKE ATINYA NTIBAHAVE BAMUTEMBAGAZA?
10 Mukakaro 2016, 21:42, par rastan kings
Kigali iriko iraterimbere cane mugabo,as ante,sana
11 Mukakaro 2016, 03:21, par MISAGO MICHERI
ESENUKWEREKANA KOMWANBAYE AMAKOSITIME ARIKO NTIMUZEMWIBAGIREKO NOMURIKONGO HARABO YOBERA KANDI UGWANDA SUGWABAMWEGUSA NKUKO TUBIBONA MUHANURE KAGAME NTASUBIRE GUSOTORA UBURUNDI HAMA AZIBONERAKO AZOTOZWA INDERO
11 Mukakaro 2016, 07:57, par Miburo
Aho ni mu Rwand? Ntimumbeshe. Barateye imbere kweli.
11 Mukakaro 2016, 08:09, par copy
Nukuri nuwanka urukwavu aremera ko ruzi kwiruka! U Rwanda ndemera ko rukora ibishoboka ngo rutere imbere kabisa.
11 Mukakaro 2016, 10:52, par Karimu
Abarundi turabakunda cyane. Ikibazo mubona hagati y’U Rwanda n’u Burundi ni Nkurunziza nabamushyigikiye bonyine kiri ku mutwe. Volcano ihora itwara abarundi baza cg bava mu Rwanda nta numwe ubakoraho. U Rwanda ruri gutera imbere cyane nta mwanya dufite wo guta inyuma yabo tutari kumwe ahubwo nayo mafoto mubonye ni make cyane.
11 Mukakaro 2016, 11:36, par Rudahunga
Kigali convetion center nimwe mu nzu ya rutura izaberamo inama ikaba yaratwaye akayabo ka miriyari 300 zamanyarwanda ikaba ishobora kwakira abashyitsi 5000 iruhande rwayo hakaba huzuye radison hotel ifite ubushobozi bwo kwakira abanyacyubahiro ni hotel yinyenyeri 5 iyi nzu ikaba ari yakabiri ihenze cyane ku mugabane wa afurika nyuma yindi iri muri afurika yepfo. Kgl ikaba yarashyizwe muri raporo ngarukamwaka yikigo gishinzwe imiturire ku Isi nku mujyi wa mbere ku mugabane wa afurika usa neza umutekano isuku uryoheye ijisho kubera kurengera ibidukikije ukaba uwa karindwi ku Isi nkuko afrique magazine yabigarutseho.
11 Mukakaro 2016, 13:04, par tari
Twagomba gusaba abobanyacubahiro bagiye guteranira i Kigali ko bovayo baduhaye inyishu ibereye kubijanye nuyu mwicanyi nkurunziza yatumazeko imidyango ataraho naho aragiye kubona icinkoko yaboneye kumugezi
11 Mukakaro 2016, 19:24, par imbonerakure
basha abanyarwana baranse baradusize mwiterambere.
11 Mukakaro 2016, 23:29, par hon
ahubwo ayo ni amafoto make cyane
12 Mukakaro 2016, 08:58, par Miburo
U Rwanda ruriko ruratera imbere runyarutse gose. Iyo nzu yubatswe ku miliaridi 750 z amarundi. Iyo hotel Ni iya 2 muri Africa!
12 Mukakaro 2016, 16:50, par cedric
Mfite ikibazo mbe konz uburundi n’urwanda bitumvikana nkaba narabonye ibendera ry,Uburundi muri convetion center ya kigali ndets no kuma rond point yuwo muji mwomenyera Nkurunziza azoza?? Murakoz
12 Mukakaro 2016, 18:23, par Juma
Aja he sha! Azobundabunda gushika bimutekurukanye!
13 Mukakaro 2016, 00:05, par turaje
ashatse yaza erega twebwe abanyarwanda ntakibazo dufise ahubwo aje ashobora kwigumira ikigali kubera umunezero nakayaga keza yirebera imisozi itatse ibyiza
genda Kigali uraryoshye kweri harakabaho H.E paul Kagame azi ibibereye abanyarwanda .
13 Mukakaro 2016, 08:44, par Terimbere
Iyo wunva ngwabantu ntimushima aho mwavuganye ko kagame atabAteje imbere mwarihaye icubahiro basi.twebwe abarundi bagaza yaratanguye kubaka nvyinshi haza buyoya ngo yubatse ubumwe bwabarundi atangura kuvuga umuhutu umututsi atawubimusavye bagaza yavuga barundi barundi kaxig. None ubwo bumwe bwiwe butugeze ahantu ubu nkurunziza ikizimudukurako nuko atakinanira Imana twokwiruhutsa basi. Erega ubu umuntu aratinya kuvuga kwari umurundi. Nibara
13 Mukakaro 2016, 11:32, par Lili
Abanyarwanda tulifuza ko nkurunziza yaza ikigali mu nama
.aliko natabishaka azarorere ntawumwinginga.
13 Mukakaro 2016, 16:05, par Rudahunga
Abarundi mwatinze mukwiriye gushyira hamwe mukava mu byamoko kko ntaho azabageza mukareba ibibahuza aho kureba ibibatanya ababirigi badusizemo. Nigute ubundi wavuga abatutsi abahutu abatwa ngo ni ubwoko kdi muvuga ururomi rumwe? Mufite umuco umwe? Igihugu kimwe! Rwose nimuguma muri byo muzahora inyuma. Ubuse warwara marariya kuburyo ukenera amaraso warangiza ukavuga ngo amaraso yuriya sinyashaka kko tudahuje ubuhutu, ubututsi cg ubu twa?rwose iyo myumvire yaba ishaje. Cg waba wifuza impyiko warangiza ukavuga ngo sinyishaka kubera ko tudahuje ubwoko? Barundi muve mu moko mwubake igihugu cyanyu. Mugire amahoro!