Accueil > Amakuru > Mu makungu > Kimyozi yabaye intandaro yo kutumvikana hagati ya Londres na Koreya ya (...)
Kimyozi yabaye intandaro yo kutumvikana hagati ya Londres na Koreya ya Ruguru
jeudi 17 Ndamukiza 2014
Umukimyozi aba i Londres mu gihugu c’Ubwongereza yamanitse ku kiyo c’aho akorera igicapo ca Kim Jong-un, umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru mu ntumbero yo kumushinyagurira.
Uwo mugabo yashize ku kiyo c’aho akorera igicapo kidahesha icubahiro uwutwara igihugu ca Koreya ya Ruguru, yari agendewe n’intumwa zibiri zivuye mu buserukizi bwa Koreya ya Ruguru mu Bwongereza. Izo ntumwa zikaba zamusavye gukuraho ico gicapo.
Kuri ico gicapo hariko isanamu ya Kim Jong-un, musi handitseko "Bad Hair Day?", bisigura "ukwimosha kw’umusi mubi" kandi ko bagize igabanywa ry’ibiciro gushika ku bice 15 kw’ijana. Ivyo vyose bikaba bifitaniye isano n’ukungene uwutwara Koreya ya Ruguru yimosha.

Nyene ico kibanza co kwimosherezamwo citwa Ealing kiri mu burengero bwa Londres, Mo Nabbach aremeza ko yabonye abantu babiri bakora mu buserukizi bwa Koreya ya Ruguru bahagaze hirya y’ibarabara bariko barafata amasanamu bongera bimura ibintu. Mu nyuma barahavuye barinjira, hama basaba bashimitse ko homanurwa ico gicapo kuko babona ko kidahesha icubahiro umutware wabo. Nyene iyo nzu yabishuye atadidinganya ko bari mu Bwongereza batari muri Koreya ya Ruguru, kandi ko namba bafise ikibazo bokwitura umushingwamanza wabo. Uwo nyene iyo nzu akaba yahavuye aremera arakurako ico gicapo.
Kuri uwu wa gatatu, ubushikiangaji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwo mu Bwongereza bwaramenyesheje ko bwaronse ikete rivuye mu buserukizi bwa Koreya ya Ruguru ribusaba gufata ingingo zishemeye mu ntumbero yo kubuza ako gasomborotso.
Ubutegetsi bwa Londres ntiburamenyesha uburyo bugiye gukemura ico kibazo.
Twobamenyeshe ko ivyo bibaye mu gihe Kim Jong-un yatanze itegeko ry’uko abagabo bose bo mu gihugu atwara bimosha nka we. Hari hasanzwe hari itegeko ryemerera abagabo kwimosha uburyo 10 n’abagore uburyo 18.
- Ingene umukuru w’igihugu Kim Jong-un yimwesha (niko n’abanyagihugu biwe bategetswe kwimwesha)
- Uburyo cumi abagabo bo muri Korea bari barekuriwe kwimweshamwo, imbere y’uko bategekwa kwimwesha nk’umukuru w’igihugu wabo
Isabella Simbarakiye