Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya y’Epfo : Abantu 300 babuzwe irengero bivuye kw’isanganya (...)
Koreya y’Epfo : Abantu 300 babuzwe irengero bivuye kw’isanganya ry’ubwato
mercredi 16 Ndamukiza 2014
Abantu babiri nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana, abandi 300 baraburwa irengero ryabo, mu mpanuka y’ubwato yabereye ku nkombe z’igihugu ca Koreya y’Epfo.

Ubwato bunini bwari butwaye abantu bagera ku 470 bwubamye mu kiyaga, mu gihugu ca Koreya y’Epfo mu Bumanuko bw’ikirwa ca Jeju, hakaba hamaze kumenyekana abantu 2 bitavye Imana, naho 164 bashoboye kurokorwa abashika 300 babuzwe irengero ryabo. Kugeza ubu, amato n’indege ziriko zikora ibishoboka vyose, mu gutabara abo bantu bari bagizwe ahanini n’abanyeshuri bo mu mashure yisumbuye aho kugeza ubu, bimaze kumenyekana ko umugore Park Ji-yeong w’imyaka 27 y’amavuko n’umunyeshuri Jeong Cha Woong, aribo bamaze guhitanwa n’iryo sanganya, ariko abariko baratabara bamenyesha ko ibitigiri vyabitavye Imana bishobora kwiyongera, naho bakiriko baratabara.
Nk’uko Dailymail ibitangaza, mu gitondo co kuri uyu wa 3, niho ubu bwato bunini bwagize iryo sanganya bukaba bwari bugeze hafi y’ikirwa Jeju, niho bwatangiye kwihengeka mu buryo budasanzwe, bukaba bwaciye butabaza nk’uko ubushikiranganji bw’umutekano n’ubutegetsi bw’igihugu bwabitangaje. Ubu rero kajugujugu 16 n’ubwato bwo gutabara 34, nibwo bwaciye burungikwa gutabara abari muri ubu bwato.


Floxella Karire