Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igisagara ca New York caronkejwe umurongozi mushasha
Igisagara ca New York caronkejwe umurongozi mushasha
mercredi 6 Munyonyo 2013
Bill de Blasio niwe agiye kuyobora igisagara ca New York mu myaka 20 iheze. Asubiriye umutunzi cane Michael Bloomberg, bikaba bihejeje kumenyekana kuri uyu mugoroba.
Bill de Blasio niwe mu democraye wa mbere atwaye igisagara ca New York muri iyi myaka 20. Yiyamamaje avuga ko agiye gukurikirana ikibazo c’amategeko agenga abantu muri ico gisagara.
Bill de Blasio yavukiye aho i New York, ku wa 8 Rusama umwaka w’1961 aho bita i
Manhattan. Yubatse na Chirlate McCray kuva mu mwaka w’1994, bakaba bafitaniye abana babiri. Yize ivy’amategeko, akaba yari umushingwamanza.
Ayo matora akaba ariyo abaye ayambere kuva Barack Obama asubiye kuja ku butegetsi mu mwaka uheze. Abatari bake aho mu gisagara ca New York rero ngo ni akanyamuneza kuko Bill benshi bavuga ko azwi neza, kandi bakaba bamwitezeko kubarongora neza, akurikije amategeko asanzwe yaranonosoye.

Aristide Nizigire