Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Kwumvikana hagati ya Amili Pro n’abaririmvyi Olga Lorie na Lil k kuri kure (...)
Kwumvikana hagati ya Amili Pro n’abaririmvyi Olga Lorie na Lil k kuri kure nk’ukwezi
jeudi 15 Rusama 2014
Haraheze iminsi tubabwiye ukuntumvikana kuri hagati y’umuhinyanyuzi Amili Pro n’abaririmvyi Olga Lorie na Lil k. Abo bariko bapfa ururirimbo uwo muhinyanyuzi atariko arabakorera. Amili arahakana ivyo, yagiriza amakosa abo baririmvyi babiri.
- Amili Pro ari ku kazi kiwe ka minsi yose
Umuhinyanyuzi Amili Pro arahakana ivyo yagirizwa n’abo baririmvyi, aho avuga ko gucerwa kw’indirimbo vyavuye kuri bo. Aho bavuga ko yabatebeje yishura ati:" Ni bo bitebeje". Insiguro atanga y’uko kwitevya n’uko bamaze igihe kitari gito batagenda ngo bakorane, gushika naho ivyo bari bamaze gukora vyose bitakara, Amili avuga"instrumental" y’ururirimbo.
Inyuma yaho, Amili avugako yavuye muri A.M Production aja gukorera muri Afro Music. Nk’uko yaragiye gukorera uwundi, Amili atubwirako yagiye asaba Lil k na Olga ko bahurira mu yindi nzu ikora imiziki (Studio). Abandanya asigura ko atari gukorera iyo ndirimbo yabo aho muri Afro Music kandi igiciro atari kimwe (muri AM bari batanze 60, ariko muri Afro Music ururirimbo rukorwa ku mafaranga 150.000), niko rero kubasaba guhurira kwa mugenzi we A Tizo kugira akorere iwe iyo ndirimbo.
Amili ati:"kubona naragerageje ngasubira gukora iyindi instrumental iya mbere yaratakaye kubera guteba kwabo sinumva igituma bavugako nabatebeje. None bashaka nguma ntakaza umwanya?". Abona ko bohana isango ntabanduka bakavugana "Studio"bohuriramwo kuko "Afro Music" bidakunda naho Olga wewe ariho ashaka.
Amasanamu y’inzu ikora imiziki "Afro Music", icumba gikoreramwo umuhinyanyuzi Amili Pro




Chérif Nkeshimana