Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB ishirahamwe
Liberat Mpfumukeko yibukijwe ibikorwa bimurindiriye mu bunyamabanga bwa EAC
Yanditswe taliki ya 19-08-2016 - isaha 11:12' na IGIHE

Umukuru w’igihugu ca Tanzania, akaba n’umuyobozi w’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, Dr John Pombe Magufuli, yasavye Liberat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru w’uwo muryango, gufasha ibihugu biwugize kwitaho ibibazo vy’abanyagihugu, ndetse umuryango wa EAC ukirinda ikoreshwa ry’amafaranga atari ngombwa.

Mu kiganiro umukuru w’igihugu Magufuli yagiranye na Liberat Mpfumukeko, kuri uwu wa kane igenekerezo rya 18 Myandagaro mu biro vyiwe i Dar Es Salaam, yamugaragarije bimwe mu bibazo bigikomereye uwo muryango wa Afrika y’ubuseruko, birimwo amazi meza, ibikorwa vy’iterambere ry’abanyagihugu, nk’amahinguriro ashobora gutanga ubuzi n’uguteza imbere ubutunzi bw’ibihugu.

Umukuru w’igihugu Magufuli yamubwiye ko bizoba vyiza kurusha, nihagera aho abayobozi nshingwabikorwa ba EAC bashira inguvu mu kumenya ko ibihugu vyose bigize uwo muryango vyitaho cane gukemura ibibazo abanyagihugu bafise. Yamumenyesheje ko ivyo nivyashobora gukorwa, abayobozi ba EAC bakagerageza kandi kugabanya ikoreshwa ry’amafaranga mu buryo butari ubwa ngombwa, uwo muryango uzogera kuri vyinshi.

Magufuli yashimye Liberat Mpfumukeko, umunyamabanga mukuru wa EAC, ku migambi ifadika igamije gushira mu ngiro imigambi y’uwo muryango, harimwo kworohereza abanyamitahe hamwe n’ugukurikirana ishirwa mu ngiro ry’imigambi ya EAC.

Liberat Mpfumukeko yarashimye iyo ntererano y’umukuru w’igihugu Magufuli, ndetse amwizeza kuzokora ibishoboka vyose ku nyungu z’Abanyagihugu bo muri Afrika y’ubuseruko.

Ivyiyumviro vyanyu

NONE KWINZARA YABAYE NDANSE MUBURUNDI HARIKO HARAKORWA IKI KUBUKENE ARIBWINSHI KANDI BIVA KUBANYEPORITIKE NIMWIKEBUKE KUKO IVYOTEZIMBERIGIHUGU BIRIHO

20.08.2016 à 10:38
mukunzi

Vyoba Vyiza EAC Ifashije Cane Mubibazo Biri Iburundi Kugira Akarere Kwose Kabemwo Amahoro Ninaho Nimigambi Yiterambere Yakarere Yoshikwako Neza Maze Ibihugu Bikagize Bikabona Gutera Imbere.

20.08.2016 à 09:49
Berchmans.Com

banyenicubahiro ikibazo cuburundi nindyane bihagaze kubukene bwokuburakazi nogukengerakazi nuko abenegihugu batagirakazi barya twitabarimyi kuko ni90/kwijana inyishu nukugwizakazi

20.08.2016 à 08:24
mbonankira charles

jewe ndafise umugambi woronsakazi abantubarenga 1000 wuburimyi harimwo irigasyo nokubika umwimbu nukugwiza imbuto zirobanuye aderese site wb/ www.cps-burundi.org

20.08.2016 à 07:22
mbonankira charles

imigambi yamberemyiza niyoza ihakazi abenegihugu.canecanemuburimyi nkokuronswa vyankenerwa muburimyinubworozi nukubikumwimbu namahinguriro

20.08.2016 à 07:15
mbonankira charlesc

Ewe ribera ntavyawe.aho urambara ayomakoti namakaruvati ugaseruka imbere yabakuru nkabo biteka,kandi mukuruwawe herode yama yinyegeje murutara atinya ko bomutwenga.

19.08.2016 à 23:07
NYAMITWE

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.