IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Libye : Umuhungu wa Kaddafi yaciriwe urubanza rwo gupfa

Libye : Umuhungu wa Kaddafi yaciriwe urubanza rwo gupfa

mardi 28 Mukakaro 2015, par Paterne

Saif al-Islam, umuhungu wa Colonel Kaddafi yahoze arongoye Libiya, yaciriwe igihano co gupfa na sentare y’i Tripoli.

Yarengutse n’abandi bantu umunani bagirizwa bose ivyaha vyo mu ntambara bifitaniye isano n’ivyakozwe mu gihe co kubuza imyiyerekano y’amahoro yiyamiriza ubutegetsi bwa Colonel Kaddafi haheze imyaka ine.

Abdallah al-Senussi, yahoze ari umukuru w’urwego rw’igendereza, na Al-Baghdadi al-Mahmudi yahoze ari umushikiranganji wa mbere bahawe igihano co gupfa.

Uwuburanira Saif al-Islam muri sentare mpuzamakungu yavuze ko urwo rubanza rudakurikije amategeko. ONU n’ishirahamwe ryitaho agateka ka zina muntu Amnesty International, vyose vyavuze ko urwo rubanza rudakurikije ibisabwa ku rwego mpuzamahanga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.