Accueil > Amakuru > Mu makungu > Lituanie : Umushikiranganji yipfuza ko abakene barwaye boca (...)
Lituanie : Umushikiranganji yipfuza ko abakene barwaye boca bahohoshwa
lundi 24 Munyonyo 2014
Umushikiranganji w’amagara y’abantu wa Lituani yasavye ko abakene badafise uburyo bwo kwivuza, iyo baremvye boheza bagahohoshwa.
Umupfasoni Rimante Šalaševičiūtė n’umushikirqanganji mushasha wa Lituanie, ajejwe amagara y’abantu. Avuga ko guhohosha umukene arwaye ari vyiza kuri uwo murwayi, mu gihe ataba afise uko yokwivuza.
Uwo mushikiranganji akavuga ko yatanguye imibonano n’amanama menshi kuri ico kibazo co guhohosha abarwaye badafise uko bivuza, mu gihe igihugu naco kidafise uburyo bwo kuvuza abakenye bose no kubafata mu mugongo.

Aristide Nizigire
Messages
24 Munyonyo 2014, 13:09, par Ntiwihebure
Uwo we ni finale! Ahubwo ni bahohoshe ico gihugu nayo abantu babareke, numva arico kigeze kure gusumvya abanyagihugu; kandi nk’aho wosanga acidegemvya! Mugabo rero ntakibura ico kimara, aho ntamukene azosubira kwigwaza amasakire.
24 Munyonyo 2014, 15:56, par MVUZO
Mana tabarisi igeze kure mbega ubutegetsi bubi !! Ahubwo amakungu namuhagurukire afatwe abazwe yongere ahanwe kwayomajambo mabi ya dedemvye mbe iyoreta ihari yatowe nabatunzi gusa nibabahohosha bazotorya nabande ko abobatunzi aribo banyaranira ubutegetsi hanyuma abobatobato bakabahunda amajwi nukuri nahanwe vyakarorero binashoboka anyongwe nawe yumve ingene gupfa bimeze
24 Munyonyo 2014, 20:58, par Jean
Jewe birantangaje ko avuga abakene kandi nawe akeye bahere kuriwe jewe naravye ubutunzi ubutunzi bwiwe numushahara ahebwa ndamushuvya kandi ndumurundi nonamukoresha none wumva atariwe akwiye gupfa? Ndasaba inyishu kandi ntimunume ahubwo abanyagihugu baritonda ayandi bomubogoza akiri kare
25 Munyonyo 2014, 12:44, par NDEREYIMANA Modeste
Uwo mushikiranganji azoze adutemberere i wacu i Burundi,yiganirire nabarundi.Ehee!ico gihugu nico kugendera,bataratahura ubuzima bwa kiremwa muntu
25 Munyonyo 2014, 14:04, par CIZA LEWI
NITWA CIZA LEWI NVUKA IMAKAMBA INKULUNOVUGA,KURUYUMUNTU AHUBWO MUBULUNDI NTAZOZE KU KO NTACOYOBA AFASHIJE ABANEGIHUGU NONE MWUNVA ATAGOMBA’KUMARA ABAKENE?TURIYAMIRIJE IYONAMAMBI MUDUFASHE MURAKOZE
25 Munyonyo 2014, 16:44, par Niyomugabo
Muburundi ho yoca atumarako mbona hafi ya twese dukenye
Emwe birakaze PE!!
27 Munyonyo 2014, 08:29, par IZERIMANA
Mbega ubugome, mbega ukwikunda!! Ewe isi igeze kure. Ahubwo je mbona umukene wambere muri Lituanie ari uyu mu ministre kuko ubukene bwo kumubiri buroroshe guhera, ariko ubwu’umutima ntibuhera et c’est pour l’éternité kuko inyuma y’ubuzima bw’iyi si, hariho ubundi buzima buzokurikira kandi butazohera.Ukuryoha canke ukubiha kwabwo kuzovana n’ingene umuntu yitwaye kuri ino si.Turondera rero ubuzima budahera!!
9 Kigarama 2014, 14:11, par Aime-parfait
Uwo mushikirangaje arateye isoni kabisa!ntabukene busumba ubwo mumutwe!mbe iyo leta itashobora kwitaho amagara meza kubenegihugu,iyo imaze iki?nibikebuke nyabuna babavuze,kuko umukene n’IMANA iramuzi!nubwo abasabira gupfa yibuke kwatawaguze urupfu,kandi ntirutora!
11 Kigarama 2014, 16:17, par Desy
Nimba ubwiwe adashoboye gufasha abakene bisobanurwa konawenyene ari umukene w’umutindi. kdi nimba ico gihugu kidashoboye gufasha kuvur’ abakene, naconyene ntiwumvako uwo mugore w’igipfu azohava agiturira?
Bref,kirazira kwaka ubuzima uwutabuhaye,jewe sinomucira icobo nkuko yagiciriy’abandi ariko nibamufunge kumbure mugasho azotor’ubwenge hama asabe ikigongwe kumajambo y’ubupfu nkayo yavuze.