Londres : Umugore w’imyaka 60 yicishijwe imbugita

Yanditswe na IGIHE
Kuya 5 août 2016 saa 08:41
Yasomwe : 12843
0 0

Igiporisi c’igihugu c’Ubwongereza catangaje ko ata na kimwe batoye cerekana iterabwoba ku mugabo aturuka muri Somaliya yicishishe imbugita umugore w’imyaka 60, yongera akomeretsa abantu batanu. Ico giporisi kivuga ahubwo ko basanze uwo mugabo afise ingwara yo mu mutwe.
Mu matohoza ariko arakorwa, igiporisi cahagaritse umusore w’imyaka 19, mu gisagara ca Russel Square, hafi ya Kaminuza ya Londres, gikoresheje imishwarara ibabaza. Uwo musore apfungiwe ic’amaso mu bitaro biri hafi y’aho yafatiwe. (...)

Igiporisi c’igihugu c’Ubwongereza catangaje ko ata na kimwe batoye cerekana iterabwoba ku mugabo aturuka muri Somaliya yicishishe imbugita umugore w’imyaka 60, yongera akomeretsa abantu batanu. Ico giporisi kivuga ahubwo ko basanze uwo mugabo afise ingwara yo mu mutwe.

Mu matohoza ariko arakorwa, igiporisi cahagaritse umusore w’imyaka 19, mu gisagara ca Russel Square, hafi ya Kaminuza ya Londres, gikoresheje imishwarara ibabaza. Uwo musore apfungiwe ic’amaso mu bitaro biri hafi y’aho yafatiwe.

Ingingo yafashwe yo guha inkoho abaporisi bakorera mu mabarabara n’ingingo ifasha cane. VOA ivuga ko mu gihugu c’Ubwongereza, abaporisi benshi ata nkoho bagendana. Ingingo ibemerera kugendana inkoho abaporisi bashika ku bihumbi mirongo itatu n’umwe bo mu gisagara ca Londres izogumaho.

Umukenyezi yishwe yaturuka muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Batatu mu bari bakomeretse basohotse ibitaro, abandi babiri ntawuzi uko bamerewe.

Ubwo bwicanyi bwatumye harungikwa abaporisi batari bake mu mabarabara y’Igisagara ca Londres, kugira bahumurize bongere bacunge umutekano w’abanyagihugu.

Ubwo bwicanyi bwahuriranye kandi n’umunsi hari hafashwe ingingo yo kurungika abaporisi mw’ibarabara kugira bakinge ubwicanyi bw’iterabwoba.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha