Accueil > Amakuru > Rwanda > Mahama : Abarundi indwi baguye mu buhungiro mu kwezi kumwe gusa
Mahama : Abarundi indwi baguye mu buhungiro mu kwezi kumwe gusa
mardi 1er Kigarama 2015, par
Abarundi bagera ku ndwi nibo bamaze kwicwa n’ingwara zitandukanye mu kwezi kwa Munyonyo, mw’ikambi y’impunzi i Mahama mu Karere ka Kirehe. Abenshi muri abo bitavye Imana ni abana, hamwe n’abakuze baba basanzwe barwaye ingwara zitandukanye.
Uwuserukira impunzi ziri muri iyo kambi y’i Mahama, Pasitori Yohani Bosiko Ukwibishatse yabwiye bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, ko abo bantu bahitanywe n’ingwara zitandukanye. Mu bikekwa ko vyabahitanye, harimwo ubushuhe burenze urugero bushobora kumara indwi yose, hamwe n’umusonga ku bana.
Uwo aserukira izindi mpunzi yagize ati : Abantu bari mu buhungiro baba bafise ibibazo bitandukanye, nk’amazi mabi, ubushuhe, imyanda, bigatuma bitaba Imana.
- Ikambi y’i Mahama rimwo impunzi z’abarundi
Pasitori Yohani Bosiko Ukwibishatse amenyesha kandi ko muri iyo kambi bafise ikibazo c’ivuriro, kuko uko iminsi igenda ariko abarwayi bagenda bariyongera. Izo mpunzi zaramaze gushikiriza ico kibazo abagize umuryango mpuzamakungu witaho impunzi (UNHCR), bakaba barindiriye inyishu izotangwa.
Igihugu c’Urwanda catanze ubuhungiro ku mpunzi z’Abarundi zigera ku bihumbi 72, ikambi y’i Mahama yonyene irimwo impunzi zigera ku bihumbi 46, abandi bakaba bari mu makambi ya Bugesera (450), Nyanza (260).
Abandi barundi b’impunzi bari mu bice vy’ibisagara, nk’i Kigali hamwe na Huye.
IGIHE
Messages
1er Kigarama 2015, 11:13, par ntarwomwobona nkihema
iyobapfirarimwe twetwagumye iburundi twabayiki
1er Kigarama 2015, 12:26, par habumugisha
imana irababona abo barundi benewacu turabakunda ariko urwanda rurakwiye kugira ikigongwe rukabakura hariya mwakariya gahinga babatayemwo. kuko mahama haba ibikoko ntabantu bahatura kandi nitwashavura tuzoza kubacura. bose.
1er Kigarama 2015, 13:05, par aloys
mwarabahenze ngo mubone motif yibiganiro,mwe muca mwigira iyo zaburaya n’america, none inzara irabishe. africa urambabaza cane. bakumbuye indagara nimikeke bafungura mbere yo guhendwa, ubu nogutaha bizobagora cane nkabarya banyamurenge baba murwanda vyanse ko batahuka iwabo bakaja barataha binyegeje nyuma abana babo bagashirira muri M23, abasigaye bagasubira kandi bagafungirwa murwanda na uganda.
1er Kigarama 2015, 15:34, par Jeremie
Mpanura bene wacu ko botahuka bakareka kugwa mugahinga, nti mugwe mubana. Nimuze natwe turi mugihugu.Ikibazokiri i Burundi nicacu twebwe abarundi.Nimuze tucigire hamwe muri mubanyu no muvyanyu.Igihugu kirabakeneye na bene wanyu turabakeneye kugira turabire hamwe ivyatugoye twitize..
1er Kigarama 2015, 15:43, par mahoro
Umviriza namwe ayo twabonye kuva 1972_2005.
1er Kigarama 2015, 15:52, par kirehe
Ubungo bicwa nubushuhe rindira urushashana rubashayemwo rworwo ruzobashayashaya, muzoba murambarira! Iyaba arabompanura botaha mugihugu cabo. Nibishinga amabwire yaba Kagame ngoharico biteguye gukorera u Burundi ahubwo muzokiraguti musange cakorewe Kagame namwe kibahitanishe murantunge hahiriwe abatanguye kwinyururira bisubirira mugihugu cabo camavukiro.
1er Kigarama 2015, 15:57, par kirehe
Ubungo bicwa nubushuhe rindira urushashana rubashayemwo rworwo ruzobashayashaya, muzoba murambarira! Iyaba arabompanura botaha mugihugu cabo. Nibishinga amabwire yaba Kagame ngoharico biteguye gukorera u Burundi ahubwo muzokiraguti musange cakorewe Kagame namwe kibahitanishe murantunge hahiriwe abatanguye kwinyururira bisubirira mugihugu cabo camavukiro.
1er Kigarama 2015, 16:46, par Kajayo
Nibamanze bahonje gatoyi bumve ico twabacuze 72 bo sha ndizere ko bahamereye neza ko bakiriwe numututsi mwenewabo Kagome azaraba amata yava kurizanka za bahutu yasahura. Ikibabaje gusa Niko abarikuhapfira arabahezwe nabanyeporitiki bishakira ibiganiro NGO baheze bironkere 1. Amahera yomubiganiro 2. Ivyicaro murireta zimfata kibanza nabo bazotahire kuryizontete zibigori.
1er Kigarama 2015, 19:14, par Pepe
Ewe wiyita ntarwomwobona, mukirundi baca umugani ngo urwipfuriza mu kaso rugatwara nyoko! Urabe neza ivyo uvuga urinde umunywa wawe kuko rutwaye abandi rutakwibagiye kandi akaje ntikazira umwe!
1er Kigarama 2015, 23:35, par BUHUNGIRO
Nibatahe Natwe Twubake Igihugu Imana Yaduhezagije.
Komwagiye Ngo Muhunga Ikiringo Ca Gatatu,ntimubona Ko Mwahungiyd Imvura Mumuvo,bakabahenda Bakabajana Mubariko Bashaka Mandat Zidahera?
Ntasi Idahamba,nimugaruke Vuba
1er Kigarama 2015, 23:36, par BUHUNGIRO
Nibatahe Natwe Twubake Igihugu Imana Yaduhezagije.
Komwagiye Ngo Muhunga Ikiringo Ca Gatatu,ntimubona Ko Mwahungiyd Imvura Mumuvo,bakabahenda Bakabajana Mubariko Bashaka Mandat Zidahera?
Ntasi Idahamba,nimugaruke Vuba
2 Kigarama 2015, 19:42, par hatari
Mbega ko bahunze ingorane zari Burundi wibaza ko zirahera? Ahubwo turasavye Nyenicubahira Paul Kagame akore iyobwama adufashe ivyo yatwemereye ko azodufatira uburundi , adukureko iyontwaro yanahutu. Aba jeune yakuye ngaha mumakambi yimpunzi bagiye kwiga igisoda turasavye ntazobarungike bonyene kuko imbonerakure zoca zibamara nkuko zamaze bamwe binjirira Kabarore na bukinanyana. Turasavye azobaherekeze gushika Bujumbura kandi turavye ugushaka abifisemwo azobishobora.
3 Kigarama 2015, 21:02, par WAGADUGU
NIHABURAMUGISHA.NYENEBENEWANYUUCABACIRAURUBAZA
5 Kigarama 2015, 19:45, par Nyabuhoro
Nikobimezeiyoabantubatagizeisukuryahobabahategerezwakwadukaindwarareronibihangane
6 Kigarama 2015, 20:41, par Impunzi
Abarundibahunga iki??gullungar inkurunzinzamwitoreye.Ahubwomukunda ibyagusa.perezida wumu Kristo akamaramara. Murasebya uburundi na makungungu
8 Kigarama 2015, 17:43, par Bahati eric
turasaba imana yomwijuru ngo itabare abarundi bari mubuhungiro kuko ntiborohewe