IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Marc Kibamba, umuhinyanyuzi w’umuziki

Marc Kibamba, umuhinyanyuzi w’umuziki

jeudi 10 Gitugutu 2013

Mu muziki uwo ariwo wose, hama hariho umuririmvyi ariko na none n’uwuhinyanyura umuziki w’uwo muririmvyi. Uwo akaba ariwe bita “umuhinyanyuzi w’umuziki”. Akazi kiwe akaba ari ako gutondeka amajwi y’abaririmvyi, ay’ibicurarangisho vyose biri mu ruririmbo. Mu ntumbero yo kumenya bamwe muri abo bahinga bahinyanyura umuziki mu Burundi, ikinyamakuru canyu IGIHE, kirabashikiriza urukurikirane rw’amakuru kuri abo bahinyayuzi b’umuziki bo mu Burundi.

Umuhinyanyuzi Marc Kibamba ni nde?

JPEG - 12.2 ko
Marc Kibamba

Marc Kibamba yavutse mu 1985 muri komine ya Nyakabiga, mu gisagara ca Bujumbura. Ni umwana wa 6 mu muryago w’abana 12. Abahingu 8 hamwe n’abakobwa 4. Marc ni umurundi afise amamuko yiwe muri Congo aho abavyeyi biwe bavuka. Yakuriye mu muryango wa Kibamba wa Kibamba, umuryango aho ukuririmba no gucuraranga vyamye biharangwa. « Iminsi yose ku mugoroba twama duhura twese mu muryango, tugasenga tukongera tukaririmba », Marc niko agira yibuka ubuto bwiwe. Bitayeko, se wiwe, Kibamba wa Kibamba yari umukinyi w’ivyese azwi cane n’abarutse aho hambere atari kera cane. yaranakinye no mw’ireresi "Gito l’ingrat". sivyo gusa ni n’umucuraranzi. Nyina nawe akaba ari umupfasoni akunda gusenga can nkuko tubibwirwa na Marc Kibamba.

Marc Kibamba yatanguye ishuri afise imyaka 7 kw’ishuri ritoya rya Jardin Public. Igice ca mbere c’amashure yisumbuye yacize kw’ishure ryisumbuye rya komine ryo mu Nyakabiga. Igice ca kabiri akaba yacize kw’ishuri ryisumbuye Scheppers ryo mu Nyakabiga. Aho niho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo mu ndome za none mu 2005.

JPEG - 159.6 ko
Marc Kibamba

Ari mu mwaka w’9 afise imyaka 15, yakiriye Yesu nk’Umwami n’umukiza. Ico gihe akaba yaciye akwegwa cane n’umuziki maze arawukunda aho yaca atangura gucuraranga igitari. Muri ico gihe c’ubuyabaga akaba yamaze igihe kinini avuza ibicurarangisho nk’inanga y’ikizungu ndetse n’igitari bita « bass ». Inyuma yaho ahejeje amashuri y’isumbuye, umugenzi wiwe yaramwikozeko ngo amufashe kuvuza inanga mu nzu ihinyanyura umuziki « Rainbow Umuco Studio ». Marc araheza aremera, maze avuza ku ndirimbo ya mbere yitwa « Nzoririmba igitangaza » y’umugenzi wiwe Jiji Seven. Kuva aho, umuhinyanyuzi yakora muri iyo nzu y’ubuhinyanyuzi , uwitwa Bocum, yaciye aza aramuhamagara kuvuza. Aheraho aja no muyandi mazu y’ubuhinyanuzi bw’umuziki.

JPEG - 77.7 ko
Marc Kibamba (yambaye ishati y’ubururu)

Muri uko kuzunguruka mu mazu ahinyanyura umuziki, handurutse ugushaka guhinyanyura umuziki nawe. Mu 2006, Marc Kibamba yaciye atangura kwiga ibijanye n’ugihinyanyura umuziki mu gihe yaratanguye n’ivyirwa vya kaminuza mu vyerekeye ubuhinga bwa "Informatique". Mu 2009, Marc yararonse inyigisho zijanye n’ivy’umuziki zatanzwe n’umuririmvyikazi akomoka muri Gabon yitwa Annie Flore Batchililys. « Inyigisho yaduhaye zaranyuguruye amaso mu bijanye n’umuziki », uko niko yagize Marc Kibamba. Muri izo nyigisho yahahuriye n’umuhinyanyuzi akomeye mu mwuga yitwa Bachir Dai. Uno yaciye amuronsa izindi nyigisho. Bidatevye yaciye atangura gukora uwo mwuga nawe mu nzu y’ubuhinyanyuzi DreamLand y’umurwi Lion Story. Aho niho yaca akora ku rukurikiane rwa mbere rw’uwo murwi rwiswe « Independance ». Kuva ico gihe, Kibamba Marc yaciye aba arahagaritse ishuri kubera akazi kari kamubanye kenshi. Kukaba nkako yaciye atangura gukorana n’abandi baririmvyi nka Willy Uwizeye, Fabrice Nzeyimana n’abandi benshi.

Marc Kibamba yararonse agashimwe k’umuhinyanyuzi w’umwaka mw’ihiganwa TopTen Tube Awards. Ubushobozi bwiwe mu vyerekeye ubuhinyanyuzi bw’umuziki bwatumye yizerwa ngo akorere mu nzu y’ubuhinyanyuzi ya mbere ikomeye mu Burundi. Iyo nayo ikaba yitwa Afro Music Studio, yatanguye muri uwu mwaka wa 2013, ari nayo n’ubu akoreramwo.

JPEG - 64.1 ko
Marc Kibamba ku kazi muri Afro Music Studio

Ku myaka 28, Marc Kibamba ni umuririmbiramana muri korare y’ishengero rya FECABU Nyakabiga. Marc arakunda gusenga, ndetse yatubwiye ati : « Mu gusenga niho nkura umwidegemvyo n’ivyiyumviro bitekanye bimfasha mu kazi kanje ». Ikindi kintu Kibamba mwene Kibamba wa Kibamba akunda ni ukuraba amareresi. Mu migambi yiwe akaba ashaka kuzosubira guheraheza kaminuza. Nkuko yivugira, Marc agira ati : « Umwuga wo guhinyanyura umuziki biragoye kuwukora ubuzima bwanje bwose ».


INGABIRE Luc-Noël

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.