Mark Zuckerberg yiyemeje gufasha gushikana ubuhinga bwa none mu makambi y’impunzi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 28 Nyakanga 2015 saa 08:10
Yasomwe : 13662
0 0

Mark Zuckerberg yashinze ubuhinga bwo gutumatumanako bwa Facebook yiyemeje gufasha mu mugambi wo gushikana ubuhinga bwa none mu makambi y’impunzi agenzurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Mu gihe yari yitavye inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York, Zuckerberg yavuze ko bizofasha impunzi mu gushikirwa n’ imfashanyo no kudatandukana n’imiryango yazo.
Yavuze kandi ko Facebook igiye kwitaba umugambi mushasha wo kwegereza ubuhinga bwa none ku muntu wese aba kw’isi mu myaka itanu iri (...)

Mark Zuckerberg yashinze ubuhinga bwo gutumatumanako bwa Facebook yiyemeje gufasha mu mugambi wo gushikana ubuhinga bwa none mu makambi y’impunzi agenzurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Mu gihe yari yitavye inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU i New York, Zuckerberg yavuze ko bizofasha impunzi mu gushikirwa n’ imfashanyo no kudatandukana n’imiryango yazo.

Yavuze kandi ko Facebook igiye kwitaba umugambi mushasha wo kwegereza ubuhinga bwa none ku muntu wese aba kw’isi mu myaka itanu iri imbere.

Abandi bari muri uwo mugambi wiswe Connectivity Declaration - ni umuririmvyi rurangiranwa Bono, umukinyi w’amareresi Charlize Theron, abatunzi karuhariwe Bill Gates na Richard Branson ndetse na Jimmy Wales ari mu bashinze ubuhinga bwa Wikipedia.

Mark Zuckerberg yavuze kandi ko ubuhinga bwa none bushobora gufasha ONU mu kushika ku migambi yayo y’iterambere no gukura abantu mu bukene.


Kumenyekanisha

1
frank 30-09-2015 à 06:21

arakaramba pe imana imuhezagire

2
François 29-09-2015 à 06:48

Yoo! Imana imuhezagire pe,kuko biragoy kugira muvugane n-umugenzi ari mw-ikamba. Abahinga nkabo barakwiy kurwira.

3
Uburyobwose 29-09-2015 à 01:24

Nivyobintu bizodufasha twebwebanye politike dukeneye kwabantubahunga aribeshi kuko cane cane abarundi bacebahunga babikurikirane kmtwironkere abotudugirako muri politike zacu mugukomeza tubabwirako bakomeza kuzabaravugako Imbonerakure ziriko ziratemagura abantubose batemera reta ya Nkurunziza nihumuntu acaronka ubuhungiro ningoga. Maze mucemwibonera ububuhinga bwa facebook

4
HAVYARIMANA MESHACK 28-09-2015 à 19:53

Ahezagigwe

5
Nicobest% 28-09-2015 à 14:32

Ahubwo rero nibatwigishirize abarundi bacu maze bazebagaruke bagize ico bamenya jeho nasaba yuko bonabaha umutaji bironderere nubuzima ahubwo aje hageze

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha