Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Menya umuhiyanyuzi w’umuziki Big Bass
Menya umuhiyanyuzi w’umuziki Big Bass
lundi 9 Nyakanga 2013
Mu muziki uwo ariwo wose, hama hariho umuririmvyi ariko na none n’uwuhinyanyura umuziki w’uwo muririmvyi. Uwo akaba ariwe bita “umuhinyanyuzi w’umuziki”. Akazi kiwe akaba ari ako gutondeka amajwi y’abaririmvyi, ay’ibicurarangisho vyose biri mu ruririmbo. Mu ntumbero yo kumenya bamwe muri abo bahinga bahinyanyura umuziki mu Burundi, ikinyamakuru canyu IGIHE, kirabashikiriza urukurikirane rw’amakuru kuri abo bahinyayuzi b’umuziki bo mu Burundi.
Umuhinyanyuzi w’umuziki Big Bass
- Big Bass ku kazi kiwe ko guhinyanyura umuziki
Bigirimana Anselme niryo zina ryukuri ry’uwuzwi cane kw’izina ry’ubuhizi “ Big Bass ”. Anselme canke Big Bass, kw’izina rizwe mu ndirimbo cane, ni umurundi w’umuhinyayuzi w’umuziki. Yavukiye muri Komine Kanyosha iri mu gisagara ca Bujumbura, aho hakaba hari mu mwaka 1984 kw’igenekerezo rya 9 Nyakanga. Big Bass yize amashuri y’intango kw’ishuri ritoya ryo mu Kanyosha 1 aca abandaniriza k’ishuri ryisumbuye rya ICA (Institut Commercial Administratif). Yakurikiranye inyigisho mu gisata c’ubuhinga bwa none bita “informatique de gestion”, ivyirwa yarangije mu 2008. Uwo mwaka akaba ariho yaca atangura kwiga ubuhinga bwo guhinyanyura umuziki.
- Big Bass ariko aravuza igitari Bass
Big Bass yakunze umuziki akiri muto. N’ikimenyamenya yatanguye kuririmba mw’ishengero aho yasengera. Hambavu yo kuririmba akaba yaranavuza igicurarangisho c’igitari bita “Bass”. Ndeste akaba ari nayo nkomoko y’iritazirano ryiwe “Big Bass”. Big ati: “Uwitwa Bade niwe yatanguye kunyigisha ubuhinga bwo guhinyanyura umuziki ntazi na kimwe mu 2009”. Bukebuke, ubuhinga ahaye arabumenya yaciye atangura gukorera mu nzu ihinyanyura umuziki “Blue Ox Studio”. Ayivuyemwo aja muyitwa yitwa “Kim Frans Studio” aho yaciye akorana n’abaririmvyi b’abarundi batari bake bazwi nka: Big Fizzo, Kaka Boney, Albert Kuru, T-Max, Yoya, umurwi The Cousins n’abani benshi. Mu 2010, afadukanije n’uwundi muhinyayuzi yitwa Amiry Pro, bugurura inzu ihinyanyura umuziki yitwa “Inanga Records”. Iyi nzu ntiyamaze igihe kinini ariko niyo yashize ahabona abaririmvyi ubu bazwi nka Sat-B, Emery Sun, umurwi Generation 80. Ubu Big Bass akaba abarizwa muri “Menya Media Studio” nayo nyene ihinyayura umuziki.
IGIHE: Kugira umuntu abe umuhinyanyuzi w’umuziki vyoba bisaba iki?
Big Bass: Bisaba kuba ubikunda, ugakunda umuziki. Uba ufise ubumenyi bwo gukoresha imashini n’uburyo bwa none bwa “informatique”. Kandi ikintu gikomeye cane kugira umuntu abe umuhinyanyuzi w’umuziki, nukugira ugutwi kwumva cane umuziki. Ico mu gifaransa bita “Oreille musicale”.
IGIHE: Ingorane nyamukuru muhura muri aka kazi kanyu k’ubuhinyanyuzi zoba ari izihe?
Big Bass: Amazu y’ubuhinyanyuzi usanga adashemeye ufatiye ku bikoresho n’uko atunganijwe. Ikindi naco, nta mafaranga arimwo kuko dukorana n’abaririmvyi atamahera bafise kandi benshi usanga baririmba kugira biryohere gusa. Si abaririmvyi benshi dukorana bafata ukuririmba nk’akazi kabo ka minsi yose.
- Big Bass k’umuhana
Mwomenya ko Bigirimana Anselme batazira Big Bass yubatse. “Mfise umugore umwe n’umwana umwe”, ayo niyo majambo uwo muhinyanyuzi yakoresheje ku kibazo cuko yoba ari umusore canke serugo.
INGABIRE Luc-Noël