Accueil > Amakuru > Mu makungu > Michaelle Jean amenyesha ko urwaruka ruvuga igifaransa rugiye guhabwa (...)
Michaelle Jean amenyesha ko urwaruka ruvuga igifaransa rugiye guhabwa akaryo ko gushikiriza ivyiyumviro
mardi 29 Nyakanga 2015
Umunyabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ibihugu bivuga uruimi rw’igifaransa OIF Michaelleb Jean amenyesha ko yiyemeje guha ijambo urwaruka ruva mu bihugu bivuga uruimi rw’igifaransa.
Mw’ijambo yashikirije mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,Michaelle Jean umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rivuga ururimi rw’igifaransa yavuze ko ishirahamwe arongoye ryiyemeje guha uburyo bwo gushikiriza ivyiyumviro urwaruka ruva ku migabane itanu igize isi, mu gihe hazoba inama ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere izobera i Paris mu Bufaransa.
Michaelle Jean yavuze ko urwaruka rugiye kuronka aho ruvugira ivyo rukeneye,ivyo rwiteze,ivyizigiro,ivyo rushobora guterera n’ivyo rwiyemeje gukora.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rivuga ururimi rw’igifaransa yabivuze mu gihe urwaruka ruva mu bihugu vya Senegal,Burkina Faso n’Ubufaransa rwari ruhejeje kumushikiriza urwandiko rw’urwaruka rusaba kazoza karama kandi karangwa n’ukunywana.
Van Naris Mugisha
Messages
29 Nyakanga 2015, 12:40, par François
Nivyiza,mais sinibaza ko har-ico bizodufasha gose!