Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Myanmar : Umukuru w’igihugu w’umusivire yarahiye inyuma y’imyaka irenga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Myanmar : Umukuru w’igihugu w’umusivire yarahiye inyuma y’imyaka irenga (...)

Myanmar : Umukuru w’igihugu w’umusivire yarahiye inyuma y’imyaka irenga 50

mercredi 30 Ntwarante 2016, par egide

Umukuru w’igihugu wa mbere w’umusivire mu gihugu ca Myanmar yarahiye, ibitari bwakoneke mu kiringo kirenga imyaka mirongo itanu. Ukurahira kw’umukuru w’igihugu mushasha w’umusivire kwasozereye icese intwaro ya gisirikare muri Myanmar yari ku butegetsi kuva mu mwaka w’1962.

Htin Kyaw w’imyaka mirongo irindwi yarahiye kuri uwu wa gatatu mu birori vyamaze umwanya mutoyi imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka.

JPEG - 35 ko
Umukuru w’igihugu mushasha Htin Kyaw

Umukuru w’igihugu mushasha Htin Kyaw yemeye gukorera igihugu. Ivyegera vyiwe bibiri ni Myint Swe hamwe na Henry Van Tio, nabo nyene bakaba barahiye hamwe na Htin Kyaw agiye kuramutswa ico gihugu.

Uwo mukuru w’igihugu mushasha asubiriye mu kibanza cahoramwo Thein Sein wo kw’ipete rya General, yafashe ubutegetsi mu mwaka w’2011 igihe Reta y’igisirikare yashikiriza ubutegetsi Reta igizwe ahanini n’abatari abasirikare.

Mw’ijambo yashikirije inyuma y’ukurahira, Htin Kyaw yiyemeje guhindura ibwirizwa shingiro rihari, kugira ryubahirize intwaro rusangi.

Tubamenyeshe ko mw’ibwirizwa shingiro rihari ryatunganijwe n’igisirikare, ritegekanya ko igisirikare gitegerezwa kugira ibice 25 kw’ijana vy’ibibanza vyose mu nama nshingamateka, n’ibibanza bikomeye vy’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ukwivuna abansi.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.