Accueil > Amakuru > Mu makungu > Myanmar : Umukuru w’igihugu w’umusivire yarahiye inyuma y’imyaka irenga (...)
Myanmar : Umukuru w’igihugu w’umusivire yarahiye inyuma y’imyaka irenga 50
mercredi 30 Ntwarante 2016, par
Umukuru w’igihugu wa mbere w’umusivire mu gihugu ca Myanmar yarahiye, ibitari bwakoneke mu kiringo kirenga imyaka mirongo itanu. Ukurahira kw’umukuru w’igihugu mushasha w’umusivire kwasozereye icese intwaro ya gisirikare muri Myanmar yari ku butegetsi kuva mu mwaka w’1962.
Htin Kyaw w’imyaka mirongo irindwi yarahiye kuri uwu wa gatatu mu birori vyamaze umwanya mutoyi imbere y’inama nshingamateka na nkenguzamateka.
- Umukuru w’igihugu mushasha Htin Kyaw
Umukuru w’igihugu mushasha Htin Kyaw yemeye gukorera igihugu. Ivyegera vyiwe bibiri ni Myint Swe hamwe na Henry Van Tio, nabo nyene bakaba barahiye hamwe na Htin Kyaw agiye kuramutswa ico gihugu.
Uwo mukuru w’igihugu mushasha asubiriye mu kibanza cahoramwo Thein Sein wo kw’ipete rya General, yafashe ubutegetsi mu mwaka w’2011 igihe Reta y’igisirikare yashikiriza ubutegetsi Reta igizwe ahanini n’abatari abasirikare.
Mw’ijambo yashikirije inyuma y’ukurahira, Htin Kyaw yiyemeje guhindura ibwirizwa shingiro rihari, kugira ryubahirize intwaro rusangi.
Tubamenyeshe ko mw’ibwirizwa shingiro rihari ryatunganijwe n’igisirikare, ritegekanya ko igisirikare gitegerezwa kugira ibice 25 kw’ijana vy’ibibanza vyose mu nama nshingamateka, n’ibibanza bikomeye vy’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’ukwivuna abansi.
IGIHE