Accueil > Inkino > basketball > NBA : igikombe ca 3 ku murwi wa Miami Heat
NBA : igikombe ca 3 ku murwi wa Miami Heat
vendredi 21 Ruheshi 2013
Umurwi wa Miami Heat waraye itahukanye igikombe ca 3 mw’ihiganwa rya umupira w’amaboko wa Basket ball. Aho n’inyuma y’inkino 7 mu gice ca nyuma c’ihiganwa(final). Kibaye igikombe ca kabiri uwo murwi utahukanye wikurikiranya.

Ku manota 95 kuri 88, umurwi Maimi Heat wo muri Leta ya Floride waratsinze umurwi San Antinio Spurs. Aho ni inyuma y’inkono 7 z’igice ca nyuma c’ihiganwa. Iyo ntsinzi ikaba arOnkeje uwo murwi igikombe ca 3 c’iryo higanwa. Abagenzi ba LeBron James bakaba batsinze iryo higanwa ubwa 2 bikurirkiranya.
- LeBron James
Umukinyi azwi cane w’umurwi Miami Heat, LeBron James, akaba yabaye MVP ku ncuro ya kabiri. Ni ukuvuga umukinyi wa mbere yigenjeje neza muri iryo higanwa. Mu rukino rwa nyuma akaba yinjija amanota 37 wenyene gusa. “Ndashimiye umurwi wa Spurs, wadutumye dukinisha inguvu zose zacu. Ntamajambo numva mfise. Twaronse agashimwe ku kazi twakoze. Numva mpezagiwe”, ayo niyo majambo LeBron yishuye abajijwe kuri iyo ntsinzi y’umurwi wiwe.

Dwayne Wade naweyene akina muri Miami Heat yagize ati:” Ndunamiye umwurwi wa San Antonio Spurs. Ni umurwi uhambaye. Urukino rwa nyuma dukinye rubaye rwa final rwatugoye cane ugereranije n’izindi tumaze gukina”. San Antonio Spurs, umurwi ukinamwo Tony Parker, kaba wariko ugerageza gutwara ico gikombe ku ncuro ya 5. San Antonio ntiwari bwigere utsindwa ushitse mu rukino rwanyuma(final).
Luc-Noël INGABIRE