IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Ndera : Abantu icenda bakomerekeye mu gitero

Ndera : Abantu icenda bakomerekeye mu gitero

mardi 2 Ruhuhuma 2016, par egide

Abantu baharurwa mw’icenda nibo bakomerekejwe n’abantu bataramenyekana, mw’ijoro ryo kuwa mbere rishira uwa kabiri, ku musozi wa Ndera, mu karere ka Gasabo, mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Amakuru dukesha BBC avuga ko abo bateye ata n’umwe arabamenya, bikavugwa ko bari bitwaje imihoro n’ibindi birwasho bisanzwe.

JPEG - 25.2 ko
Umwe mu bakomerekeye muri ico gitero (Photo : BBC)

Igiporisi c’Urwanda hamwe n’igisirikare ntibahuza kuboba bakoze ico gitero. Bamwe bavuga ko ari abasuma, mu gihe abandi bavuga ko ari abansi b’igihugu.

Abakomeretse bariko baravurirwa mu bitaro vy’i Ndera.


IGIHE

Messages

  • Mana we urinde abanyagwanda ntibongere gutemagurana. bo baraceceka cane ariko iyo bahagurutse biba bibi cane. nibe n’abarundi barasakuza cane ukamenya uwo wirinda. ndumva biteye ubwoba pe!!

  • Yemwe Yemwe Nukuri Mwihagane Kandi Imana Ibafashe Ntimumere Nkabarundi Birirwabaramfa Batagira Gitabara Imana Ibarinde Can Namwe Mwakomeretse Ndabashuhuje Mwihagane Munzokira Imana Isumbigabo Merc

  • sintwenze ndababaye kubona kagame yisuka muvy’uburundi kandi iwe ar’ingorane nn abo bicisha imihoro bo nibande?" eee!irisha mukike irariye mpanda"none mwunva moon adakwiye kurungika ingabo mu rwanda?

  • Agacerere abanyarwanda bamazemwo imyaka irenga 20 nibakavamwo bizoba ukontashobora kuvuga ubu.

  • ayo namayiri yinkotanyi kugirango bagirize uburundi ngo buriko burabatera bace bazana abateguwe mukambi yimpunzi ngonimbonerakure hamwe ninterahamwe bafashe zavuye muburundi.....e uko niko inkotanyi zishe benewabo kugirango barwize ibiziga hama batangazeko habaye jenoside ngo yakorewa abatutsi da!!!!. hama uduhanga twabahutu nabatutsi baca babupanga ahantu mukizu kumaetajere kugirango bagume bidandariza genoside mubazungu......rero iriya nimitwe bagize.....

  • yemwe barundi! umutekano ni wose mu rwanda!!! nta gitero cyaba mu rwanda inkotanyi bari maso! jyew ndi kigali iyo nkuru nibwo nkiyimenya nabandi benshi ntabyo bazi bisobanura ko umutekano ari wose. ahubwo burndi please mudufashe umutekano ugaruke iwanyu tuze gutembera no kwishima ukuntu mufise igihugu cyiza mukaba muriko muraconona!! erega turi abavandimwe tugomba gukundana tukareba ibya duteza imbere

  • Ariko wewe wiyise Kamaro kugeza ubu uvuga ko nta genocide yakorewe abatutsi wewe bigaragara ko nawe wari mu bayiteguye bakanayishyira mu bikorwa .Ese ibibera I wanyu ni mubikemura muzaba mukoze naho kuvuga ku Rwanda uri kwibabariza ubusa ntacyo wahindura kandi inzirakarengane zirakumva kandi zikabona ibyo wakoze ari ubugome kugeza ubu utarasabira imana imbabazi n’abo wahemukiye nubwo wakwihisha gute ijisho ry’iyabaremye riri hejuru yawe.
    Ubayeho utarapfusha uzapfa kuko ni ryo herezo rya bose ....ubwo budandaza uvuga wabanje ugacuruza imirambo iri aho I wanyu mwica buri munsi.

  • Abitwa Akamaro na K ivyobavuze birimwo ubwenge ubisomye neza, nuwitwa Jyew ivyavuze biruzuriza ivyavuze na akamaro .

  • Abatutsi muri akamenyo: abandi b’inventa(bavumbura) ibiteza imbere isi namwe mwavumbuye génocide kandi mushaka kuyikwiragiza mu karere kose ka Afrika.Murateye imbabazi n’ikigongwe.Ubu naho ngo ni ibiki?

  • Romeo uri umuntu w umugabo abo birirwa bamoka bavuga ayamuhe , nibabanze bakemure i ibibazo biri iwabo mubone kwasama .URwanda ni igihugu kiri ukwaco uburundi ni uko.Nayo iyo mihoro muvuga wewe wiyise kamaro ngira murazi neza ba specialiste muri yo ntiwirirwe urabaza ahandi utavyirengagije ngirango urabizi kuturusha

  • nukobitangura ivyabaye mu burundi ntibizoteba kuba mu rwanda kuk bavyifashemwo nabi

  • Oh,my God,dufashe Afrika yacu ibemwo amamhr!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.