Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nepal : Nyamugigima yahitanye abantu 114 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nepal : Nyamugigima yahitanye abantu 114

Nepal : Nyamugigima yahitanye abantu 114

samedi 25 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Mu gihugu ca Nepal Nyamugigima yahitanye abantu 114. Iyo Nyamugigima ikaba yabaye ku birometero 77 mu Buraruko bushira uburengero bwa Katmandou.

Ibibomoka vy’amazu vyaguye ku bantu. Inzu y’ingenzi y’i Dharhara ifise inyubakwa cenda yaguye ku bantu isinzi, aho babasanze munsi y’ivyo bibomoka, nk’uko ababibonye bavyiganye ku mboneshakure yaho muri Nepal, kuri uno wa 25 Ndamukiza uno mwaka.

Impome z’amazu zaguye mu ma barabara, abantu bakaba bari hanze, iyo Nyamugigima ikaba yamaze iminota ibiri n’amasegonde 30, ikaba yumvikanye no mu gisagara ca New Delhi.

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuhindi , akaba amenyesha ko bariko baregeranya amakuru y’ivyo vyononekaye, maze baheze bagarukire kuri abo bahuye n’ivyo vyago.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.