IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > New Star yarushije Muzinga, Berco Stars itsinda Les Gazelles

New Star yarushije Muzinga, Berco Stars itsinda Les Gazelles

lundi 11 Ndamukiza 2016, par egide

Inkino z’ugutanguza ihiganwa rya Basketball mu Burundi hamwe n’ukurondera abakinyi barusha abandi bazoserukira igihugu c’Uburundi mu nkino za zone 5 zasozerewe kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 10 Ndamukiza, zikaba zari zatanguye kw’igenekereoz rya 4 Ndamukiza 2016.

Mu nkino za nyuma zabaye kuri uwu w’Imana ku kibuga co mu Gikungu, mu bigeme badakwiza imyaka 18, umurwi wa Tuze club watsinze Jabe team ku manota 55 kuri 24.

Mu bahungu badakwiza imyaka cumi n’umunani, mu cicaro ca B, umurwi wa Gymkhana watsinze Les Amis ku manota 85 kuri 51.

Mu nkino z’abakuze bo mu cicaro A, mu bakobwa n’abagore, BERCO Stars watsinze Lees Gazelles ku manota 50 kuri 28.

Mu basore n’abagabo bo mu cicaro A, New Star yatsinze Muzinga ku manota 73 kuri 72.

Izo nkino zikaba zari izo gutanguza ibikorwa vy’ihiganwa rya Basketball, hamwe n’ukurondera abakinyi barusha abandi mu badakwiza imyaka 18, bazoserukira igihugu c’Uburundi mu nkino za zone 5 zizoba mu mezi ya Ruheshi na Mukakaro 2016, zikazohuza ibihugu 11 vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.