IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Nicolas Sarkozy yemeje icese ko azosubira kwitoza

Nicolas Sarkozy yemeje icese ko azosubira kwitoza

mardi 23 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, Nicolas Sarkozy, yamenyesheje icese ko azosubira kwitoza kandi muri ayo mabanga.

Sarkozy yatsinzwe mu matora n’umukuru w’igihugu ahari ubu, Francois Hollande, mu matora yabaye haraheze imyaka ine.

Ico gihe, yari yavuze ko ahagaritse ibikorwa vya poritike, ariko inyuma y’imyaka ibiri gusa yaciye asubira gukora poritike.

Nk’uko tubikesha BBC, Sarkozy ni umwe muri benshi bashaka kuzitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’abarepublicains, harimwo uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Francois Fillon, hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire Alain Juppe.

Sarkozy yagirizwa igiturire, aho yanagerageje gukoresha iyo nzira akiri ku butegetsi, mu gushiraho umushikirizamanza wa sentare nkuru, kugira amufashe gusimba amatohoza amwerekeye.


IGIHE

Messages

  • Iyi si iragowe. Akavuze wa muririmvyi "les imbeciles se sont donnés rendez-vous pour entrer dans l’histoire". Twarabonye intwaro ya Bush, turabona iya Hollande, turabona iya Kagame, Nkurunziza, Kabila n’abandi ba swa.None tuzokizwa niki? Mbega abagabo bagiye hehe?

  • @Kweli. Tanga akarorero k’Umugabo wipfuza tugufashe kumwamamaza aze ahindure ibintu. Ariko ndavye abo wadondaguye bose utemera, bizogorana ko uronka uwuhwanye n’ivyo ugomba kuko bose baza ari ABATWARE BATWARA ABANTU. Abantu nabo biragoye kubashimisha bose.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.