IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Njangwa Gilbert:"Imigambwe itaronse ibice 5 kw’ijana irafise uburenganzira (...)

Njangwa Gilbert:"Imigambwe itaronse ibice 5 kw’ijana irafise uburenganzira bwo kuja muri Reta"

lundi 31 Myandagaro 2015

Umukuru w’ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike ONELOP Burundi amenyesha ko imigambwe itaronse ibice 5 kw’ijana vy’amajwi mu matora ifise uburenganzira bwo kuja mu nzego z’igihugu.

Gilbert Becaud Njangwa amenyesha ko mu gihe co gushinga Reta ihuriwemwo na bose,yaba imigambwe yaronse amajwi arenga ibice 5 kw’ijana canke iyaronse ayadashika,bafise uburenganzira bwo kuja muri Reta.

Kubwa Gilbert Becaud Njangwa,gushira abatakwije ibice 5 kw’ijana muri Reta ihuriwemwo na bose ntibisaba ko ibwirizwa nshingiro risubirwamwo nkuko vyashikirijwe n’abahinga bo mw’ishirahamwe ONELOP Burundi.

Umukuru w’ishirahamwe ONELOP Burundi asaba ko hoba ibiganiro bishingiye ku ngorane Uburundi bwaciyemwo kuva muri kahise.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.