Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Mu makungu
Obama : Donald Trump ntazi ibipfa n’ibikira, ntaco yomarira igihugu
Yanditswe taliki ya 28-07-2016 - isaha 07:52' na IGIHE

Ikoraniro kaminuza ry’umugambwe w’abademokrate rirabandanya mu gisagara ca Philadephia.

Mu vyaranze umunsi wa gatatu w’ikoraniro kaminuza, Convention, y’Abademokarate, harimo amajambo y’abarongoye umugambwe bakomeye nka Visi-Perezida Joe Biden, Senateri Tim Kaine, yiyamamariza kuba visi-perezida wa Hillary Clinton, na Perezida Barack Obama.

Joe Biden yavuze ijambo ryiwe n’inkomezi nyinshi agerageza kumvikanisha ukuntu azi neza Hillary Clinton, barakoranye muri Sena no muri reta, avuga ukuntu Hillary Clinton ari umuntu yama yitaho abandi, umuntu abandanya guteza imbere igihugu, igihugu kizokomeza kuba akarorero kw’isi yose mu kinjana ca 21 turimwo.”

Ijambo rya Perezida Obama ni ryo ryari ririndiriwe cane.

Yabanje kwibutsa ivyo yakoze : ubwishingizi mu buvuzi bwari bumaze imyaka ijana bwarananiranye, kuzamura ubutunzi yasanze bwarasubiye inyuma, gukura Ben Laden ku isi, n’ibindi birimo kunagura imigenderanire na Cuba, yari imaze imyaka irenga 50 yarahagaze.

Perezida Obama yasobanuye ico kuba umukuru w’igihugu bivuze, birimwo kuba umugaba mukuru w’ingabo. Ati : “Hillary Clinton yarabibonye, yabiboneye hafi hafi, azi ivyo ari vyo, arabishoboye, naho Donald Trump ntazi ibipfa n’ibikira, ntaco yomarira igihugu.”

Obama yarangije agira, ati : “Nimba mushaka umuntu azoharanira inyungu zanyu koko, muzotore Hillary Clinton. Dufatanije, nimumufashe nk’uko mwamfashije, dukomeze hamwe urugendo rw’ivyizigiro, ruzira uburyarya bwa bamwe.”

Hillary Clinton arashikiriza ijambo ryiwe kuri uyu wa kane, umunsi wa nyuma w’ikoraniro kaminuza, atangaza ku mugaragaro ko yemeye ubutumwa bwo kuba umukandida w’Abademokarate.

Ivyiyumviro vyanyu

obam baramukuy kunteb kobamw baharir bavug ng arik aband bat ntawuri kuntemb isobanur ?

Ariko Obama. Nyene wihaye ngo muvyo waranguye warakuye Ben ladden kw’isi ? iyo umugira imbohe basi !!yoooh none iyo wamusize weho ntuzomusangayo ?

29.07.2016 à 23:33
yooo

nishura Anicet atazi igitutsi yamubwiy donald KO nta bumenyi afiser bwo gutwara amerika kuko na politik yik niyo mà» binja vyakera rero kuba Obama ashigikir Clinton nivyagaciciro namb ukunda cank uzi imana politik yoca imber ni uruku’do kubaka ibiraro bihuza abantu iyo niyo politik

29.07.2016 à 15:31
nyishu

Obama venerable God bless you for your fine and quiding your tenure coming to an end,and the fellow who will contest for the position of Atonement the example we like you, Nkurunziza peter betaking a example for leaders like you. Nyakubahwa Obama,Imana iguhezagire kubwuburongozi bwawe bwiza, ikiringo cawe kiregereje kurangira,abo bagenzi bawe bariko barahiganwa bazobe akarorero nkawe,na Nkurunziza petero yarakwiye gufatira akarero kabandi barongozi nkawe.

29.07.2016 à 05:21
Morodikayi Jon

Mbega Uriko Wiyamamaza,utuka Abandi ?Iyo Nyifato Yaba Obama Ndayigaye.Nibareke Donald Ashikirize Ivyiwe.Ako Nagasuzuguro Kabi !

28.07.2016 à 10:40
Saïdi Anicet

Nimwirambir Abazungu Mwagipanz Neza Ntawigumiza Kubutegetsi

28.07.2016 à 09:42
Muyahudi

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.