IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba Reta y’Uburundi guhagarika amabi akorwa mu gihugu

OLUCOME isaba Reta y’Uburundi guhagarika amabi akorwa mu gihugu

vendredi 18 Nyakanga 2015

Ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire OLUCOME risaba Reta y’Uburundi gukoresha uburyo bwose bushoboka kugira amabi akorwa mu gihugu muri iki gihe ahagarare.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 18 Nyakanga 2015,OLUCOME isaba Reta y’Uburundi gushira mu ngiro ingingo zasabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu harimwo,gupfungura abapfunzwe bagirizwa kuja mu myiyerekano,kwugurura amaradiyo yigenga yugawe no guhagarika imitahe ihagarika bamwe mu bakuru b’imigambwe.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME risaba kandi ko Reta yosubira mu biganiro mu maguru masha ivyo navyo vyoba bihagarikiwe n’umuntu w’ijunja nka Nelson Mandela na Julius nyerere.Isaba ko hoshingwa umurwi wigenga kandi ataho uhengamiye ukora amatohoza ku bwicanyi n’abantu banyuruzwa.

Ishirahamwe OLUCOME risaba ko Reta yokworosha mw’ishirwaho ry’umurwi wokora amatohoza ku rudandazwa rw’ibirwanisho ruvugwa,ukabuza urwo rudandazwa kandi ugafasha gukura ibirwanisho mu banyagihugu.

Ku banyapolitike,ishirahamwe OLUCOME risaba abanyapolitike guca mu nzira z’amahoro na cane cane ibiganiro mu gutorera inyishu ibibazo biri mu Burundi,ariko bakitahp na ntaryo gukingira ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi n’amasezerano ya Arusha.

OLUCOME isaba kandi amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike gushira inguvu hamwe n’abandi mu gukingira amateka ngenderwako y’igihugu kandi afashe mu biganiro mu ntumbero yo gutora umuti w’ikibazo kiri mu Burundi.

Ishirahamwe OLUCOME rirangiza risaba amakungu kwumvisha impande zose ko zitegerezwa kwigumya kandi zikanja mu bigniro kuko arivyo bishikana ku nyishu y’ikibazo c’Uburundi,risaba kandi amakungu gufasha mu gukura ibirwanisho mu bantu babitunze batabifitiye uburenganzira.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.