IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ONU:Abahinga mu gateka ka zina muntu basaba gukinga ibintu bitarononekara

ONU:Abahinga mu gateka ka zina muntu basaba gukinga ibintu bitarononekara

vendredi 17 Mukakaro 2015

Umurwi w’abahinga muvyo agateka ka zina muntu b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,basaba umurwi w’amahoro n’umutekano gukora ibishoboka mu maguru masha mu gukinga ko igihugu c’Uburundi cosubira mu ndyane,bigatuma n’ibihugu bibanyi bishikirwa.

Uwo murwi umenyesha ko isi ibona ibiriko biraba bishobora gutuma indyane ziyongera mu gihugu c’Uburundi.Bavuga ko amakungu ategerezwa gusa kurindira ko ibintu bimera nabi cane kandi ntarindire ko ibintu bimera nabi kugira afate ingingo.

Abahinga ba ONU bajejwe agateka ka zina muntu bamenyesha ko kuba amaradiyo yigenga atakivuga n’ihohoterwa ry’agateka ko gushikiriza ivyiyumviro, bishobora kuba intambamyi ku matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro 2015.

Abo bahinga bamenyesha kandi ko mu gihe amatora y’umukuru w’igihugu yoba kw’isango ritegekanijwe,ayo matora azotuma abazotorwa badakora bemewe n’amategeko,kandi azoba atunganijwe mu bihe vy’umutekano muke mu Burundi,kandi bishobora gufata n’akarere.

Abahinga ba ONU mu bijanye n’agateka ka zina muntu bibupa ko umurwi wa ONU ujejwe amahoro n’umutekano ufise igikorwa co gukinga indyane zishobora kwaduka kw’isi yose.Kubwo abo bahinga,no mu Burundi bikwiye gukingwa kuko biboneka ko bifise ingaruka mbi ku gihugu n’akarere.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Ahubwo ONU yaratevye gufatira reta y’uburundi ibihano nibanyarutse nyabuna ayamaze guseseka nimenshi.

  • Nta kindi barindiriye atari ukuzoza kudufasha kurira gusa!!Vyose biba babibona bakihorera!Mbega none boba bafatira ku biziga bingahe vy’abantu bishwe kugira bashobore gutabar’abanyagihugu bari mu marushwa,bicwa n’abari bajejwe kubakingira??Ukwo kwiyobagiza kwabo nikwo kuzotuma abarundi biyahura,bakarondera kwigwanira,bahangana n’ivyo bimwenyi!!!!

  • abobahinga ntavyo bazi muburundi harikibazo cinda ndende gusa

  • mbega o nu niyo mubona ko yodadanura amatati araha iwacu kuva 1968 na 1972 hamwe na 1993 ivyabaye murabizi onu yariho?ikaba yariho nigiki cabaye ko ahohose hara bahutu batakaye harimwo na oncle wa mama n,abandi eka nabatusi baragiye kubera kwihenda kwabo hari 1972 eka na 1993 akarorera jules bimazubute.hahahaha ewe onu uza kubona ivyubu pole eka nubu turavye ibihise za cibitoke mu takura ngagara na nyakabiga na musaga kinindo guturira abahutu mu mapine nabatusi badashigikiye abo babisha kurijewe mbona onu ihengamye.kuko ikoramwo akagwi ku bwoko bumwe na cane cane ahiwacu murakoze .

  • mbona arico gisigay kuko abarundi twarambiwe.ark hejuru ya vyose hari Imana

  • ONU NIRUNGIKE.INDEGE ZIZE.KWICA.NKURUNZIZA.NA.AdORPHE ABASIGAYE.TUZOBATOZA.INTOKE.ICIYUMVIROCANJE.KIBARWENEZA.MWESE

  • MANA DUFASHE KUKO NI WEWE USHOBORA IVYANANIYE ABANTU

  • UTIYUBAKIYE NTAWUZOKUBAKIRA RERO TUVYEMERE UKO GUSA DUSENGE TWIZEYE IMANA IZOBIHIDURA NTAKIBA ITAKIZI KURI ROTI EKA YONA TUBIRABE NKABATABIBONA

  • emma
    ubu ntitukiri kuri zanamagi zana masoro, kandi mwamahanga menyeko uburundi bwikukiye ubu ntitugitegekwa namategeko yabanyamahanga ubu dufise amategeko yacu yuburundi atugenga. Yaco rero muba mukokeza ibidashoboka. Ve mubibazo vyabarundi ntibibaraba

  • amakungu murakwiye gufata ingingo yorohereza abene gihugu kuko abanyap olitike bacu vyabana niye barajw’ishinga n’inda zabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.