IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > ONU igiye gufatira ibihano Koreya ya Ruguru

ONU igiye gufatira ibihano Koreya ya Ruguru

jeudi 7 Nzero 2016

Reta Zunze Ubumwe za Amerika,Ubuyapani ba Koreya y’Epfo basavye ishirahamwe mpuzamakungu ONU gufatira ibihano igihugu ca Koreya ya Ruguru,inyuma yaho igeragereje ikirwanisho ruhonyanganda Bombe Hydrogene.

Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yakoranye kuwa gatatu igenekerezo rya 6 Nzero 2016 yamenyesheje ko igiye kwiga ibihano vyofatirwa Koreya ya Ruguru. Iyo nama yaneguye ivyakozwe na Korey aya Ruguru ica ivuga ko ibimenyetso bibangamiye amahoro n’umutekano bibandanya kwibonekeza.

Iradiyo y’abongereza BBC yavuze ko bibaye ku ncuro ya kane aho Korey aya Ruguru igerageje ibirwanisho ruhonyanganda kuva mu mwaka w’2006,ariko igiheruka kikaba ari ica mbere gikozwe muri ubwo buhinga.

Abakurikiranira ibintu hafi bamenyesha ko ico kirwanisho gishobora kuba gifise ingaruka zikomeye, gusumba icatewe muri Hiroshima na Nagasaki mu Buyapani,mu ntambara ya kabiri y’isi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.