Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB ishirahamwe
ONU : Inama nkuru y’umutekano yasavye kwongereza ikiringo n’abasirikare ba AMISOM
Yanditswe taliki ya 29-07-2015 - isaha 12:43' na Van Naris Mugisha

Inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amahoro n’umutekano usaba ko ikiringo c’abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika AMISOM cokwongerezwa,hakongerezwa kandi igitigiri c’abasirikare.

Inama nkuru y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ivuga ko ikiringo cokwunguruzwa gushika kw’igenekerezo rya 30 Rusama 2016,abasirikare nabo bakongerezwa gushika ku basirikare 22 126.

Inama nkuru y’umutakano iha ububasha urwego AMISOM gufata ingingo zose zishoboka,hubahirijwe agateka ka zina muntu,kandi hubashwe ubwigenge bw’igihugu,mu gufasha igisirikare ca Somaliya kurwanya abarwanyi ba Al-Shabaab babandanya gutera abanyagihugu.

Inama nkuru y’umutekano isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika gufasha AMISOM gushika ku bikorwa vyiza,na cane cane mu gukomeza inzego ziyoboye AMISOM no gushiraho urwego rudasanzwe rwa gisirikare.

Mwomenya ko igihugu c’Uburundi,Ubuganda,Kenya,Ethiopiya na Djibouti,arivyo bihugu bitanga abasirikare baja kugarukana amahoro mu rwego rwa AMISOM.

Ivyiyumviro vyanyu

NABAGWIZE BABE BESHI MAHO BISA NUKO BAGWANA IYITAZOHERA

25.12.2015 à 19:57
INNCENT

Nibagende abava mumpande zose, mugisoda no mugipolisi. Ntamwana n’ikinono

31.07.2015 à 18:32
Ndajorewe

wewe lolilo uvugango bararabe neza ngo ntibajeyo ngo ino naho sisawa ahubwo reta nuko iguma iha ama faveur aba soda gusa ikibagira aba polisi mbe bobo ntibahoze mugisoda ? ahubwo reta nibipange natwe tujeyo guca amafaranga nayo ivyogupfa akazi nakazi

30.07.2015 à 22:04
omar

Numva Ibihugu Vyafasha Kwigisha Abasirikare Buburundi Bari Bakwiye Kubandaniriza Aho Bari Bageze,uburundi Hamwe Bwovamwo Muri Amsom Ntamahoro Akwiye Somalie Yozopfa Ironse.

30.07.2015 à 16:55
NDAYIZIGA

Ego Nivyiza Ariko Boraba Ibindi Bihugu Bitararungikayo Abasirikare Bikaba Arivyo Bibarungika Kugirango Ibihugu Vyamaze Kubarungika Ntibisigare Mugihengeri C’umutekano.

30.07.2015 à 09:41
Louise

Vyari Vyiza Cane,ariko, Muraraba Neza Ntimuzohave Mukunda Abandi Ngo Mwiyibagire, !

30.07.2015 à 07:36
Capable

nivyiza ariko muraraba umutekano kukenewe nahandihose,mubihugu vyatanze abo basirikare kuko ntitwemeye kobaguma bicigwa mwicogihugu cosomariya, mukor ibishoboka vyose ntidusubire kubura abandi basirikare

29.07.2015 à 16:23
LOLILO PNB

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.