IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Oscar Pistorius umunonotsi wa mbere w’ikimuga arahanzwe n’ubukene kubera (...)

Oscar Pistorius umunonotsi wa mbere w’ikimuga arahanzwe n’ubukene kubera ubutungane

mardi 16 Nyakanga 2014

Oscar Pistorius arahanzwe n’amahera ariko atanga mu butungane, amahera yiwe yose yahereye ku bamuburanira. Ibintu vyose yari atunze yarabigurishije, amahera yahora ahabwa n’abantu kubera ivyo yabakorera (Sponsors) ntakiyaronka. Uwo yahoze ari umunonotsi wa mbere kw’isi kandi afise amaguru y’amaterano (protheses) yagirizwa kuba yarishe uwahoze ari umugore wiwe.

JPEG - 194 ko
Uko amaguru ya Oscar Pistorius ameze

Imbere y’uko afatwa n’ubutungane yagirizwa kwica Reeva Steenkamp bari bubakanye, Oscar Postorius yari umunonotsi wa mbere kw’isi yasiganwa n’abakomeye akanaronka imidari y’inzahabu. Akarorero hari mu mahiganwa mpuzamakungu yo mu mwaka w’2012 "Jeux Olympiques 2012".

Igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2013, Oscar Pistorius yatawe muri yompi yagirizwa kuba yishe arashe Reeva Steenkamp babana nk’umugabo n’umugore. Kuva ico gihe, ubutunzi bwiwe bwaciye butangura guhera nk’ifu yimijira. Imbere y’umwaka w’2013, Oscar yahembwa amahera y’amanyaburaya 500.000( 500.000 euros) ku mwaka, si ayo gusa, yaranaronka n’amahera y’amashirahamwe yakorera ihayanishwa"Publicité" ayo ni nka "Oakley", "Thierry Mugler" na "Nike". Guhera kw’amahera yiwe kwatanguriye ku bamuburanira kuko uko yitavye mu butungane atanga amahera ibihumbi indwi vy’amanyaburaya "7.000euros". Barry Roux, umushingwamanza wiwe ategerezwa guhembwa amanyaburaya 2 500 (2 500 euros) kw’isaha irenga ku masaha bavuganye "heure supplémentaire", eka n’abahanuzi biwe babiri abariha amanyaburaya 1. 800 ku munsi.

JPEG - 176.6 ko
Reeva Steenkamp na Oscar Pistorius bagikundanye

Ivyo vyose vyatumye agurisha inzu babanamwo na Reeva Steenkamp ku manyaburaya angana 400.000. Mu mwaka w’2007 na 2008 yagurishije ibindi bibanza bibiri vyari ahitwa Equestria muri Pretoria. Aho ibintu bigeze, Pistorius asigaye atunzwe n’amafaranga ahabwa na se wiwe Henke w’umutunzi, hamwe naba inarume 3 ari bo "Arnold, Théo na Leo". Gushika ubu Oscar Pistorius bivugwa ko yoba afise n’ingorane zo mu mutwe.

Mwomenya ko uwo munonotsi w’igitangaza yatanguye kurenguka imbere y’ubutungane kw’igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2014. Imburano za mbere zatanguye muri Ntwarante 2014, ariko gushika n’ubu Pistorius aguma yemeza ko yarashe Reeva atabishaka, avuga ko yibaza ko ari uwundi muntu amwinjiriyeko.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.