Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
OTRACO yasabwe gushumbusha bidayevye imiryango y’abaguye mw’Isale
Yanditswe taliki ya 16-04-2016 - isaha 15:34' na IGIHE

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Joseph BUTORE asaba ishirahamwe OTRACO (Office du Transport en Commun) ko ryokora ibishoboka vyose kugira imiryango yabuze abayo mw’isanganya ry’imodoka ryabereye mw’Isale ishumbushwe bidatevye.

Mu nkuka y’imisa yabaye kuri uwu wa gatandatu igekerezo rya 16 Ndamukiza 2016 y’ugusabira abanyagihugu baheruka kurwa mw’isanganya ry’imodoka ya OTRACO ryabereye mw’Isale ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yasavye kandi umushikiranganji w’amagara y’abantu ko yokurikirana abakiri mu bitaro, babandanye kuvuzwa ata gisabwe.

Abajejwe uruja n’uruza mu mabarabara, abajejwe amashirahamwe y’ugutwara abantu n’ibintu hamwe n’amashirahamwe y’ugushumbusha, basabwe ko bokora amatohoza kugira hamenyekane icatumye iryo sanganya ryabereye mw’Isale riba.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yatanze imfashanyo y’ukugarukira ku babuze, ikaba yari igizwe n’umuceri n’ibiharage.

Tubibutse ko imodoka yo mw’ishirahamwe ryunguruza abantu mu Burundi (OTRACO : Office des Transports en Commun) yagize isanganya igeze muri komine Isale, intara ya Bujumbura Rural, hafi y’ishure ritoya rya Benga, ku mugoroba wo ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze.

Iyo modoka yariko yunguruza abantu hagati y’isaha cumi na zibiri n’isaha imwe y’ijoro, yataye ibarabara, ica igwa mu manga y’imetero nk’amajana atatu, muri zone Benga.

Abantu baharurwa muri 16 akaba aribo baguye muri iryo sanganya, abandi 54 barakomereka nk’uko vyamenyeshejwe n’igiporisi c’Uburundi.

Ivyiyumviro vyanyu

TANGI.NIVYIZA

25.11.2016 à 19:43
######

Nakamaramaza Nibara Imana Irakwiy Guhumuriza Imiryango Yabuz Imana Ibafashe

14.09.2016 à 21:08
Manirakiza

yooo nibizerimana bazokira !!!!!!?

13.09.2016 à 20:01
damas

Ntakundi Imana Ibakire, Izigame Nimiryango Yabuze.

7.08.2016 à 16:19
Nsabimbona

Nyakubahwa Yagizeneza Kugarukira Iyomiryango Imana Imuhezagire Kubwivyo Bikugwa

12.06.2016 à 00:04
Alexis Bizumuremyi

YUKURI URUPFUGWABOBENEWACU GWARATUBABAJE BITUMA TUGIRUBWOBA NATWE NIYOYATUDUGANIWACU IGISHUBI ARIK NTAKUNDIKOVYASHITSE VYOSE NUKWIRAGIZIMANA MURAKOZE.

22.04.2016 à 13:21
Odrique Nkunzimana

dusavyimiryango yabuze kwihangana imanirababona murakoze

22.04.2016 à 13:11
nkunzimana odrique

N’uko harimwo imbonerakure zari zivuye guhamba umwe na satani yanka kwakira kuko ivyo yakoze ari agahomera munwa, uwo nawe ni Darius ikurakure

19.04.2016 à 19:30
Démocrate SINDUMUJA

Kumbe muriko murayeranya hamwe na Nkurunziza wanyu ayo muzohereza abo mwamariye kwa babo. ariko jewe ukombona igihe canyu ni cashika nuko mwo manikirwa isuka, mukazopfa mwaratuntuye.

19.04.2016 à 06:44
mzoyihera intagoheka

Otraco irariha assurance nicogituma atariyo izotanga inshumbusho

18.04.2016 à 21:51
toto@yahoo@fr

Eco Noterera Nuko Noshigikira Ivyiyumviro Vyuwo Nyakubahwa Icegera Cumukuru Wigihugu .Ako Gashumbusho Bazokabahe Kuko Bababuze Batabanka Kandi Na Otrako Ntibabazwe Nuko Ibashumbushije Kuko Nayonye Siyo Sa Murakoze

18.04.2016 à 20:06
Haringanji Ezechiel

Amasanganyayamayabayemugabonuk,ayomatohozayonyaruka.

18.04.2016 à 18:20
Ndayishimiye Merthus

Arabashumbushije arahejeje muzorabe nta na kimwe bazobaha. Aho ariko aritoza. Mbega babashumbusha muyo bakuye hehe ? Aho arateranije OTRACO n’imiryango yabuze nta kindi na kimwe akoze. Nta n’uwuzosubira kwumva iryo jambo. Ahubwo boraba icateye iryo sanganya kugira ntikizosubire ibindi vyovyo arakuye umwuga arahejeje.

17.04.2016 à 11:37
Jean

kuki maze kwandika incurn 3 mutanshize kumurongo ? ariko ntaco Imana ihezagire abategetsi bacu muvyumve ! umukuru wigihugu,2vice president na 1president,nabandi turabateyintege mubikogwa Yesu abahe umugisha !

16.04.2016 à 20:16
gwasa

IMANA YAKIRE ABAYO

16.04.2016 à 20:16
LION

Abobo karimbonera mwarikureka kuzivugira abirigwa bapfa nabo katanakimwe uvuga

16.04.2016 à 18:06
Nzorubara

ego cane ico nico dukundira abategetsi bacu batwitayeho ,bashingamateka batowe muri rural mubonagute ikikibazo ?

16.04.2016 à 18:02
gwasa

Mutama 2VICE uruhara mufise rwo gukunda abarundi nintangere turabakeje cane .hama aba nye rural mwihangane

16.04.2016 à 17:35
gwasa

Ntimuze murababazwa gusa nabazize amasanganya mwibuke nabo mwirirwa murica hama muboneko ubuzima bwumuntu Ari akatihabwa mugezengaho kuko murabona kumwumwe afise urwimana yamuteguriye none rero ndabasabe mwunamure icumu hama mureke umwumwe wese azoze aratwarwa nurwo imana yamwandikiye wewe gusa uracafise umutima wikigongwe urasumbije uwahoze arongoye uburundi nkurumbi abanyagihugu bapfa ukamengo ntaco bimubwiye ico nikimenyetso cerekanako ukutagira ikinya kwiwe bigiye gutuma nabari bakimuhishiye akabanga bamuvako

16.04.2016 à 16:19
tari

ndagukunze cane 2vice president,igihugu kiri mwabagabo bijunja nijambo bumutima mwiza bandanya uyo mutima nakare "isase riva kucuma "Nkurunziza niwe mukomokako banyesare mwihangane.

16.04.2016 à 16:11
gwasa

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.