Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pakistani : Abavyeyi 470 batawe muri yompi banse ko abana babo bahabwa (...)
Pakistani : Abavyeyi 470 batawe muri yompi banse ko abana babo bahabwa incanco
mardi 3 Ntwarante 2015
Abavyeyi bangana 470 batawe muri yompi mu gihugu ca Pakistani, bakagirizwa kwanka ko abana babo bahabwa incanco z’ubukangwe.
Kuri uyu wa 2 Ntwarante uwu mwaka, abanyagihugu bo mu Buraruko bushira Uburengero bwa Pakistani, bakaba banse ko abana babo bahabwa incanco zibakingira ubukangwe, kuko bavuga ko izo ncanco zishobora kuba zirimwo ubumara bwobuza ko abana babo bavyara mu gihe bageze mu bigero. Ico gihugu ca Pakistani rero kikaba kiri mu bihugu vya mbere kw’isi, abana babangamirwa n’ubukangwe.

Muri uwu mwaka, Pakistani, kikaba cari cafashe intumbero yo kwijukira gucancisha abana bose. N’aho muri ico gihugu hari hageragejwe gutangwa amatangazo ko abana bazocancwa kugira bakingirwe indwara z’ubukangwe, hari abandi bagiye barakwiragiza ibihuha ko batokwitaba izo ncanco, ko zirimwo uburozi ku bana babo nk’uko vyemezwa n’abaganga. Abo bakwiragiza ivyo bihuha, bakanavuga ko urwo rucanco runyuranye n’idini rya Islam.
Aristide Nizigire