IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa Francois yasavye abapatiri kugirira ikigongwe abagore bakorora (...)

Papa Francois yasavye abapatiri kugirira ikigongwe abagore bakorora inda

mercredi 2 Nyakanga 2015

Umukuru w’ishengero katolika kw’isi , Papa Francois yasavye abapatiri kugirira imbabazi abagore bakorora inda n’abaganga babafasha kuzikorora .

Papa Francois yabisavye mu gihe abakirisu b’ishengero katolika bitegurira gutangura umwaka wa Yubile canke umwaka w’ikigongwe uzotangura mu kwezi kwa Kigarama 2015.

Mw’ ijambo yashikirije kuwa kabiri igenekerezo rya 1 Nyakanga 2015,Papa Francois yavuze ko abapatiri bakwiye kubabarira icaha cose, mu gihe uwagikoze yicuza n’umutima wiwe wose.

Yavuze ko yafashe iyo ngingo yo gusaba abapatiri bose kubera umwaka wa Yubile, kubabarira icaha co gukorora inda ku bantu bacicuza n’umutima utagira uburyarya kandi bakagisabira imbabazi.

Ikinyamakuru The Guardian kivuga ko Papa Francois yerekanye ko n’aho hari abakorora inda babishaka, hari n’abisanga ata kindi bokora atari kuyikorora .

Yabandanije avuga ko azi neza ibihe abagore bamwe baba barimwo mu gihe co gufata ingingo yo gukorora inda,kandi ko hari n’ abagore bagendana mu mutima wabo inkovu y’ iyo ngingo iba yarabababaje.

Papa Francois yasavye ishengero katolika kugira impuhwe, asaba abapatiri gukoresha amajambo ahumuriza, bakamenya neza ko abakora ivyo bintu bumvise neza ingaruka y’icaha baba bakoze.


IGIHE

Messages

  • Asha ndumva papa Francois avyorosha!mbega patiri niwe aharira abantu ivyaha vyabo?Imana Niyo iharira abantu ivyaha vyabo kandi Niko Ijambo ryayo ribivuga.kimwe gusa mbona yuko papa yashatse gushigikira abantu bakorora inda n’ababafasha kuzikorora.aho kubwira abakirisu biwe bareke gukora ico caha co kwica abamalayika nkabo noneho abahaye uburenganzira.isi yashaje kweri.inyuma ya homosexuel yemej ikindi caha co gukorora inda.

  • Hahahaha nukuri aha nugusenga PE nahandiho iy’isi igeze kumusozo wayo

  • Natwebwe Abarundi Turamushimira Kuriryo Jambo Nyakubahwa Papa Avumereye Imana Nimuhezagire

  • ndakwemera nabigeme muzobabarire kuko baragowe bafise utubazo twish kuko nabo barazikuramw kandi baba basambanye baba bakozamakos

  • yoooooôo!! noneho isi irameze amenyo kuko basambana nakore ubuho na kondomu bagiye kuziheba

  • ntacaha kitababarigwa.Ariko yemwe barababarire abandu na bone basaba imbabazi kuko muri iyi misi baromoye.benshi basigaye ari igitsitaza mu miryongo.

  • Jewe ndi umukatolika ariko ndatewe impungenge n’amajambo hamwe n’inyifato y’uyu mu papa Francisko. Si patiri arekurira abantu ibicumuro, ahubwo ni Imana yonyene hamwe n’umwagazi w’Imana (Yezu). Ivyaha vyose iyo wihanye Imana irashobora kukugirira imbabazi ariko si umupapa ashinga itegeko ry’ivyaha bibabarirwa. Gukorora inda ni icaha co kwica kandi ni kibi cane. Ahubwo paapa yari akwiye gusaba abakristu kudahirahira ngo bakorore inda, uwi vyamaze gushikira kera nawe yihane asabe ikigongwe Imana.
    Muri Gitugutu naho muzokwumva ivyiwe bijanye n’abahuza ibitsina babisangiye.
    Abari mu muhari witwa Mouvement marial mu myaka ya 2000 baravuga ko hahishuwe ko hazoza umupaapa ahindura ivyo abakristu bemera mbere azojuragiza abemera benshi, none sinzi ko bavuga uyu paapa Fransisko.
    Ku bwanje vyoba vyiza atanze imihoho hakiri kare nk’uko uwo yasubiriye yabigenjeje.

  • eehe emwe nakabona ababeshi ! papa baramubeshera izonkuru sizo

  • @nzomukunda
    "isi yashaje kweri."
    Uraraba neza ko ivyo vyiyumviro vyawe atarivyo biriko birasaza ahubwo! Kuko ivyo uvuga bibaho kuva isi iremwa, hanyuma hakaba abantu bamwe bamwe babiraba bapfukishije ikiganza amaso mugabo intoke ntibazifatanye! Ico kintu abo kwa Molière bacita "hypocrisie"!

  • Jewendumukatorike,Nonembazekimwe, Ivyahabirasumbana?Icahanicaha,imanayivugiyeyonyenubwayoko"ivyahanahovyotukuratukutukukovyezwabigasana"Cheregi".Noneharihivyahavyaharirwa,nibindibitaharirwa?

  • Har,abigira abakatolika ataribo. Abakatolika ategerezwa kugira indero n’ukwubawa kuko papa abifitiye uburenganzira. Abomuzobabarira bizoba bityo, abomuzokomantariza bizobakomerera (mariko 2:10)

  • j niyumvira ko ic caha kingana n’ibindi devant dieu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.