Accueil > Amakuru > Mu makungu > Papa yasavye Israel n’abanyapalestina ko bokwumvikana
Papa yasavye Israel n’abanyapalestina ko bokwumvikana
lundi 26 Rusama 2014
Umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Fransisiko yamenyesheje ko bitumvikana, kandi bitangaje kubona ikibazo kiri hagati ya Israel n’abanyapalestina kitaratorerwa inyishu.
Kubera umwitwarariko umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Fransisiko afise kuri ico kibazo, yatumiye i Vatikano abayobozi b’impande zidacana uwaka mu masengesho yo gusaba ko amahoro aboneka.
Mu rugendo yarimwo rwamaze iminsi ibiri, umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Fransisiko yasavye Israel n’abanyapalestina ko boja hamwe bagashinga Reta y’abanyapalestina yubakiye ku mwumvikano, kandi ibana mu mahoro na Israel.

Imbere y’uko asozera urwo rugendo rwamaze iminsi ibiri, umwungere wa Ekereziya Gatorika, Papa Fransisiko yarishikiye i Betelehemu, aho yari agiye gusoma imisa. Hejuru y’aho yasomeye iyo misa, abantu bari bahanditse amajambo avuga ati : "Papa, turashaka umuntu avugira ubutungane".
Egide Nduwimana