Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
PARCEM isaba itunganywa ry’amatora yizewe na bose - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM isaba itunganywa ry’amatora yizewe na bose

PARCEM isaba itunganywa ry’amatora yizewe na bose

jeudi 11 Ruheshi 2015

Ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo PARCEM,rimenyesha ko ibiriko biraba mu Burundi bifise ingaruka mbi ku butunzi bw’igihugu.PARCEM igasaba umunyagihugu wese kwibaza ikibazo co kumenya igituma hari ukwikunda kurengeje mu gihugu.

Mw’itangazo ishirahamwe PARCEM ryashize ahabona kw’igenekerezo rya 10 Ruheshi,rigaterwako umukono na Faustin Ndikumana arirongoye,iryo shirahamwe rimenyesha ko ibiriko biraba mu Burundi bishobora gutuma umwimbu hamwe n’ibikorwa bizana ubutunzi,imigambi nayo igahagarikwa,bigatuma hiyongera igitigiri c’abadafise akazi.

Kubwa PARCEM,Reta nayo ishobora kwisanga itagishoboye gushika ku ntumbero yihaye mu bisata bitandukanye vy’igihugu,nko mu bijanye n’umutekano n’ubutungane,guhemba abakozi no kunganisha imishahara,ivyo navyo bigashobora gutuma hama za yegereyegere zidashobora gutorerwa umuti.

Iryo tangazo rimenyesha ko ,ku bakenyezi n’abana basanzwe bari mu babangamiwe cane,ibintu bishobora kwunyuka,aho ni mu gihe abana barenga ibice 58 % bafungura nabi.Kuri ivyo vyose Uburundi bushobora kwisanga butakironka ingenzi canke abazana imitahe mu gihugu,canke kandi ngo bwakire inama mpuzamakungu.

Ku bijanye n’iyinjira ry’Uburundi mu mashirahamwe y’akarere,iryo tangazo ry’ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko mu gihe ibintu vyobandanya uko biri,Uburundi bushobora gusigara inyuma,bigatuma bwisanga bwonyene mu bijanye n’ubutunzi n’imigenderanire.

Kugira igihugu gisubire gutekana,ishirahamwe PARCEM risaba ko,hoba ukwubahiriza amasezerano ya Arusha n’ayo guhagarika intambara bifatanye, hamwe n’ibwirizwa nshingiro,igasaba kandi itunganywa ry’amatora mu muco,arimwo bose kandi yizewe na bose.

Ishirahamwe PARCEM rirangiza risaba kandi gusubira kuganira ku bijanye no guteza imbere intwaro ibereye biciye mu kurwanya ubutunzi budasiguritse,kwerekana ubutunzi umuntu yinjira mu mabanga afise n’ubwo ayavamwo afise n’ibindi.

Messages

  • hanura ngira ubweng bw’abasutwara buri mwi congé

  • WEWE URI MUBAGABO BAKE BIMVUGA KURI MUBURUND HAKENEWE ABAGABO NKABO APANA BAMWE BAGENZWA N’AKARIMI ARABO GUTABANTU MURUDUBI GUSA

  • Emwe!!mbega mwa ba parisemu muribagiye ko tuzi intumbero yanyu?eh maman ngo batunganye amatora yizewe na bose.mbe ko mwanse kuja mu nama ayategura mwagomba bakore gute?harya rero mwari muzi ngo abatavuga rumwe na leta mwanse kwitaba inama ngo bica bihebwa,ihi bambewe wanse kwitaba inama ngo ushikirize ivyiyumviro vyawe abandi barabivuga kandi uvyakira uko nyene kuko ntaco uba waterereye kugira ntibibe uko wewe utavyipfuza.Ndakurahiye vyose bizoba ufyura amaso ukonyene.tekereze turazi ko mwigombera mfatakibanza murashonje mugomba gukamata ibifaranga vy,igihugu ngo mwuzuze ivyo binyaga vyanyu ngo n,inda.muza gusara ndabarahiye.kawuka bizohera ivyo vyiyumviro bibi vyanyu.Be mumenya ko abarundi twaciye ubwenge mumenye ko tutari ibijuju.ahubwo ni murondere haut parleur muvugire ahantu isi yose yumva ibibazo mufite kandi babampere n-amazi ntimusarare mugume muvuga.Ariko har,aho muzosangukira kumusozi!aho ntimwotekereza?

  • uburundi tuba turi muri paradiso vyose biva kuri mwebwe nuyu musi mwitwa mwarize ngomurongoye amashishirahamwe yo guhindura ingendo inda nimuhinduke vyukuri murebe ko tubaka uburundi bushasha bumwe ndadaye yaturaze nyabuna ndabasavye ikigongwe muve muvyamoko muje mwiterambere murebe ko tutogorora nahahandi mugiye kuvyo kwihorana twese ntaho tuzogera ndabahe umuti kundigihugu canyu uwatsinze umukeza ubandanye ibikorwa uzoteba ushikirwe nawe ntuce wiruka mumakungu gusabira iihano igihugu cakwibarutse kuko nawe bizokugerako kuko uca uba nkayampene yisamburirako canke ugaturira inzu uyicayemwo wuyumvira ko nawe utazosha ndahe akarorôrero nimube nka bayaganakakandi aguma yinumimiye kani sindamwumva ariko atukana ariko aguma azana ivyoteza imbere babyagihugu steviya icayi ivyo nivyo abanyagihugu dushaka ko muhindura naho gusaba ibihano ntaho bizoshikana abarundi atari kwama inyuma turabantu bato emera tubahanure ntudusubire munryane zamoko twariko tubisezera za muremera ahintahe ishize uwa tsizwe ntibatsindaho

  • Palecem nimba ivyuvuga arivyukora canke wimirije kugora mumigambi wiyemeje nivyiza.!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.