IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Paris : Abanyagihugu barenga 120 baguye mu bitero vy’abihevyi

Paris : Abanyagihugu barenga 120 baguye mu bitero vy’abihevyi

samedi 14 Munyonyo 2015, par egide

Abantu bagera kw’ijana na mirongo ibiri nibo bamaze kumenyekana ko baguye mu bitero vyabaye ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Paris mu gihugu c’Ubufaransa.

Igitero ca mbere cabaye ku kibuga c’umupira w’amaguru ahariko habera urukino rwa kivandimwe rwariko ruhuza umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa n’umurwi w’Ubudagi. Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande nawe yari yagiye gukurikirana urwo rukino, akaba ariko yarashoboye guhungishwa.

Abantu bariko bakurikirana igiteramo c’umurwi wa Eagles of Death Metal mu nzu y’ukwidagadura ya Bataclan bagizwe imbohe, muribo abagera kw’ijana bose baricwa. N’abanyagihugu bari mu micungararo y’ico kibanza barafashwe n’amasasu y’abo bihevyi banjiye muri ico kibanza bavuga bati : « Tubikoze kubwa Siriya. »
Bakarasa bavuga bati : « Allah Akbar ».
Muri ico kibanza abari bagizwe imbohe baryamitswe hasi, mu nyuma baraswa umwe ku wundi.

Abategetsi b’Uburundi batanguye gushikiriza ubumwa bw’uguhoza imiryango y’Abafaransa yaburiye abayo muri ivyo bitero vy’abihevyi. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu butumwa yanditse ku muhora wiwe wa Facebook, yagize ati : « Nifadikanije n’ababuze kandi ndahojeje abanyagihugu bo mu Bufaransa. Iterabwoba ntirizokwigera rironka ijambo rya nyuma.» (Toute ma solidarité et mes condoléances au peuple de ‎France‬. Là, comme ici ou ailleurs, le terrorisme n’aura jamais le dernier mot.)


IGIHE

Messages

  • Urucira mukaso rugatwara nyoko mukokeza ngo muburundi biracika imbere yogutosora uwundi banza witosore imana ninyenubushobozi mwumve namwe ko biryoshe kugihugu cawe abanyagihugu bicwa ninkozizikibi zitazwi

  • Ivyo vyoshikira ubufaransa? Hahahaa; amerka ububirigi ’amwe mugabe. Ukuvuga nabi abndi ntacobimaze.

  • birababaje.. ibi nivyo reta yuburundi iriko irarwanya Hama ubufaransa ngo sigaho sigaho, noneko izonkozi zikibi bataziretse ngozigende?? urabona KO vyasavye ko porisi yicirayo kunguvu kubahagarika!! kandi barasanye ntihabuze nibindi vyononekaye. rero inkozi zikibi zikwiye gutuzwa.....

  • babuzekwica.uwomukuruwigihuguyigirangonogihangange.mukugaya.abandi.uwofutakagomenawe

  • iburundi hapfuye abarenga magana bili. ntabutumwa bwo kubihanganisha nijyeze mbona buvuye mu bufransa . none nkurunziza aho ali yinyegeje ngo bihangane.kuko bazi ko aliwe utera ibibazo byose. yashyanuste.

  • Hanyuma kuri tweeter Nyamitwe yanditse ngwiki? genda utohoze neza ureke kubesha abantu ngo u Burundi bwahojeje u Faransa.

  • Abantu twirinde kuvuga menshi kuko twese turi musi y’izuba kandi ntanahamwe urupfu rutagera uretse ku Mana honyene.U Bufaransa nibutegure umushinga w’umutekano canke bufatigwe igihano nkuko buri gukokeza k’u Burundi.Rorera urabe ibigiye kubera mu Bubiligi,none ninde wo guhanwa? n’uwutera canke n’uwutegwa.M’u Burundi biramaze kuboneka ko abica abantu ari abaturuka mugihugu c’igituranye ndetse Kagame ubwiwe amaze kuvyemanga ,kuki atofatigwa ibihano? uUbufransa burabonye isomo,birababaje kubona Police yabo ija muri Stade kwica abo bagomba gucungira umutekano .Imana ni icabona kandi tubandanye tube kumavi

  • ndabona habaye nko kumusaga, Imana ya nkurunziza itagiye kubakubita ingumu.

  • NTANGORANE SHA ABOBAFARANSA NIBAHAMAGARE IVYOVYIHEBE NABO BAGIRIBIGANIRO NIBA BABONYE UMUNYAGIHUGU WABO APFUYE ATANGORANE MUBURUNDI ABAPORISI BISHE UMUGIZ IWANABI NGONIHONYABWOKO.URUCIRAMUKASO RUGAHITANA NYOKO

  • NTANGORANE SHA ABOBAFARANSA NIBAHAMAGARE IVYOVYIHEBE NABO BAGIRIBIGANIRO NIBA BABONYE UMUNYAGIHUGU WABO APFUYE ATANGORANE MUBURUNDI ABAPORISI BISHE UMUGIZ IWANABI NGONIHONYABWOKO.URUCIRAMUKASO RUGAHITANA NYOKO

  • ABANYABURAYA NIMUMENYEKO UMUGIZ IWANABI ATAGIRIZINA CANKUBWOKO MUBURUNDI HISHWINKOZIYIKIBI NGORETA IRAHONEJUBWOKO NONE NAMWE KOMWACIYE MWICA ABOBAGIZ IBANABI MWAHONEJ UBWOKO BWITWANGWIKI MWARIZE MURAMINUZA NIMUNYISHURE

  • ARIKO TURAHOJEJE IMIRYANGO YABUZE NIMWIHANGANE MUKOMEZ EGUSENGERISIYOSE NUBURUNDIBURIMWO

  • ARIKO TURAHOJEJE IMIRYANGO YABUZE NIMWIHANGANE MUKOMEZ EGUSENGERISIYOSE NUBURUNDIBURIMWO

  • mubufaransa ibara ryaguye, turasavye reta yuburundi ko yorungika inteko mubufaransa gucungera umutekano wabarundi bariyo. kuko inzego zaho zananiwe!!

  • mubufaransa ibara ryaguye, turasavye reta yuburundi ko yorungika inteko mubufaransa gucungera umutekano wabarundi bariyo. kuko inzego zaho zananiwe!! canke naho inteko borungitse muburundi nibace bazikatishiriza mubufaransa....

  • mbega yemwe iyisi itera ijahe.nibihugu vyigirango nibihangange birashobora kubura abantu nkabo.muga bahezw nababirigi bigerahejuru ngo muburundi hariyo intambara ibihano navyone bitibagiwe.mbega bibaza abo bashigikira abihevyi aha muburundi canke ahandi ko basuvya ububasha Imana?bigira ngo barahambaye bakoziki ngobakingire abobapfuye.ndahojeje abufarasa nabafarasa bose nacanecane imiryango yabuze.ariko dieu est tout puissant

  • mbabajwe nabo bapfuye kandi ataco bazira.ariko nivyigishe amakungu aboneko niwabo atari mwijuru,bareke gucinyiza uburundi.babirigi namwe mushaka iki,kagame nawe ushaka iki amaraso yabarundi azoguhumira.mbe kagame we usumvya ubutwari obama ko atameje mugutuka umukuru nkawe?ariko we wararezwe président twubaha twese na obama akubaha we niwewe umwifatira?urifatira ipatalo yawe.kumurundi suru

  • Ibirwarudubi ni vyinshi.
    Murashimagiza inganda zatikiy. Ariko ntibitangaje umuntu afis umutima w,agakoko ni uko. Ico mwibagira ni uko i Burundi ari abajejw gukingira abanyagihugu babagandagura.
    Ubwicanyi butabavuy mu mitw ntituraza dukira turacagow.
    Uburundi Nico gihugu camber gikeny kw,isi kubera ivyoduteje imber biherera mu kurondera ibirwanisho vyo kumara abanyagihugu hamw n,abategetsi bayamarira mu bapfumu.

  • Uburundi Turazi Ko Bushoboye.Ni Bemere Bubafashe Nkuko Bwafashije Somalie.

  • nosaba ko inama ya ONU yokorana vyihuta ifatire ibihano abajejwe umutekano bo muri franse kubona bica abo bokingiye bakabicca ikivunga birateye isoni nihabe amatohoza anyaruka ataho yegamiye kandi isi yose ize yumve ko bahanwe igitunye mvugibi nuko uburundi bwatewe nabicanyi nkabo bava nugihugu gituranyi urwanda aba fransa ngo fatira ibihano uburundi aba fransa barabonye kwinzoka yizingiye mumayaya ari ukumenana nambere mpaye kuraje abajejwe umutekano buburundi ntibigeze bakora kivyo aba fransa bakoze mumu segonde umwe birababaje nosaba kwisi yose yokurira hasi rimwe ikarwanya abantu bivumbura kubutegetsi kuko ivyo vyose niho bizana murabonye kw’IMANA ariyo igaba vyose inama nizikorane vyihuta

  • ibigwarudubi vyose vyandika ibabaje mumutwe, naho mwebwe mwandika mukokeza ntimuzopfa muganye nabafaransa muzokwama mugendera munsi yibirenge vyabo hiiiiiiiiiii

  • onu nikore amatohoza abobambisha bafatwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.