IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pedro Pablo Kuczynski yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu ca (...)

Pedro Pablo Kuczynski yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu ca Peru

vendredi 10 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gihugu ca Peru, Pedro Pablo Kuczynski niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu.

Umurwi ujejwe gutunganya amatora washikirije ko Pedro Pablo Kuczynski yaronse amajwi 50,12 kw’ijana, mu gihe Keiko Fujimori, umukobwa w’uwahoze atwara ico gihugu Alberto Fujimori, yatahukanye amajwi 49,88 kw’ijana.

Ariko umugwi utegura amatora utangaza ko ugiye kubangira gutangaza ku mugaragaro uwatsinze, mu gihe ukiriko uriga ibirego vyashikirijwe ko habayemwo utunenge. N’aho biri uko, biragaragara ko Pedro Pablo Kuczynski ariwe yatsinze.

VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko hari haheze indwi, Fujimori ariwe ahabwa amahirwe yo gutahukana intsinzi ariko abanyagihugu baciye bahindura ivyiyumviro ku munota wa nyuma.

Abakurikiranira hafi ayo matora bavuga ko yoba yazize se wiwe asanzwe apfunzwe yagirizwa uguhohotera ikiremwa muntu, hamwe n’ukurya ibiturire mu gihe c’intwaro yiwe.

Kuczynski yemereye abanyagihugu ko agiye kwitanga mu gusanura igihugu no kugabanya amatagisi kugira ubutunzi bwisununure.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.