Accueil > Amakuru > Mu makungu > Pedro Pablo Kuczynski yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu ca (...)
Pedro Pablo Kuczynski yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu ca Peru
vendredi 10 Ruheshi 2016, par
Mu gihugu ca Peru, Pedro Pablo Kuczynski niwe yatahukanye intsinzi mu matora y’umukuru w’igihugu.
Umurwi ujejwe gutunganya amatora washikirije ko Pedro Pablo Kuczynski yaronse amajwi 50,12 kw’ijana, mu gihe Keiko Fujimori, umukobwa w’uwahoze atwara ico gihugu Alberto Fujimori, yatahukanye amajwi 49,88 kw’ijana.
Ariko umugwi utegura amatora utangaza ko ugiye kubangira gutangaza ku mugaragaro uwatsinze, mu gihe ukiriko uriga ibirego vyashikirijwe ko habayemwo utunenge. N’aho biri uko, biragaragara ko Pedro Pablo Kuczynski ariwe yatsinze.

VOA dukesha iyi nkuru ivuga ko hari haheze indwi, Fujimori ariwe ahabwa amahirwe yo gutahukana intsinzi ariko abanyagihugu baciye bahindura ivyiyumviro ku munota wa nyuma.
Abakurikiranira hafi ayo matora bavuga ko yoba yazize se wiwe asanzwe apfunzwe yagirizwa uguhohotera ikiremwa muntu, hamwe n’ukurya ibiturire mu gihe c’intwaro yiwe.
Kuczynski yemereye abanyagihugu ko agiye kwitanga mu gusanura igihugu no kugabanya amatagisi kugira ubutunzi bwisununure.
IGIHE
Messages
10 Ruheshi 2016, 10:57, par Kibwa ca Ntare
None amajwi bayaharura kw’ijana (100%) ou 101%? Raba mukosore basha.
51.1 49.9=101%