IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Philippine : Umukuru w’igihugu yiyemeje gusubizaho igihano c’ugupfa

Philippine : Umukuru w’igihugu yiyemeje gusubizaho igihano c’ugupfa

lundi 16 Rusama 2016, par egide

Uwuheruka gutorwa mu mabanga y’umukuru w’igihugu ca Philippine, ariwe Rodrigo Duterte, avuga ko azosubizaho igihano c’ugupfa, kandi ko azoha inzego z’umutekano uburenganzira bwo kurasa zikica.

Ico gihano kigiye gusubizwaho n’umukuru w’igihugu Rodrigo Duterte cari cakuweho mu mwaka w’2006, uwo mukuru w’igihugu w’imyaka 71 y’amavuko akaba avuga ko agiye gusaba inama nshingamateka gusubizaho ico gihano.

Muvyo ategekanya kandi gukora muri ico gihugu, Rodrigo Duterte avuga ko agiye kubuza abantu kunywa inzonga no kunywa itabi, ndetse n’amategeko y’umukwabu ku bana ashirweho.

JPEG - 53.1 ko
Rodrigo Duterte, umukuru w’igihugu wa Philippine

BBC dukesha iyi nkuru ivuga ko uwo Rodrigo Duterte yasezeraniye abanyagihugu ko ingoro y’umukuru w’igihugu azoyihindura ibitaro.

Uwo aramutswa Philippine yarahawe n’akazina k’ubuhizi igihe yari umukuru w’igisagara ca Davao, bakaba bamwita « umuhinga » mu gutanga ibihano (the Punisher).

Akiri umukuru w’ico gisagara, inkozi z’ikibi zirenga 1000 zarishwe n’inzego zijejwe umutekano muri ico gisagara ca Davao yari arongoye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.