IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PISC-Burundi iriyamiriza ubwicanyi bwahitanye Col Jean Bikomagu

PISC-Burundi iriyamiriza ubwicanyi bwahitanye Col Jean Bikomagu

dimanche 16 Myandagaro 2015

Ishirahamwe PISC-Burundi risaba Reta y’Uburundi gukora amatohoza mu maguru masha kugira abishe Colonel Jean Bikomagu bamenyekane kandi barengutswe imbere y’ubutungane.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe PISC-Burundi Jean Marie Nduwimana ,PISC-Burundi bariyamiriza ubwicanyi bwahitanye Colonel Jean Bikomagu,rigahoza umuryango wiwe,igisirikare yakoreye hamwe na Reta y’Uburundi.

Ishirahamwe PISC-Burundi riratera ivyatsi ubwicanyi bwakurikiye urupfu rwa Gen Adolphe Nshimirimana,rigasaba abarundi kwama basonera agateka ka zina muntu,n’ikiremwa muntu kuko ari Imana yonyene ifise uburenganzira bwo kwaka ubuzima umuntu.

PISC-Burundi irangiza isaba amakungu kubandanya ashigikira Uburundi,kugira amahoro atsimbatare mu gihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Erega imana siyo yica imisi yakugeneye kwisi igeze nukonyene imana iriko iribuka uburundi itanga nibihano vyayo nkuko mubizi uwishe abarundibenshi dolpe yaragiye none nuwatumye uburundi buja muntambara aragite kora mana kora

  • Imana izibikwiye izobikora ntawuyicira inzira nivyayo kumenya

  • Yatumaliye abavyeyi nawe abiwe,ni bumve uko twamye,twumva.nubwo vyatevye birashitse

  • Ico nobabwiraco ni uko umuntu wese uzofata ubutegetsi afise objectif yo kwihora ntaco azoshikako ahubwo azoba agomba guta igihugu mubibazo nk ivyo tubona uyu musi.Ahubwo abayobozi bari bakwiye kwicara bakarabira hamwe guhuriza hamwe amoko yacanyemo kuko kuva uburundi bwikukira abarundi barapfuye kandi hapfuye amoko yose kandi amaraso yose arasa. ako gatima ko kwihora kataretse iki gihugu kizohora mubwicanyi butazohera kandi nta numwe azovyungukiramo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.