Ihuriro ry’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike PISC Burundi rirashimira abashingamateka n’abakenguzamateka kuba barateguye ikiganiro aho bashikiriza aho bahagaze ku bijanye n’umuzo w’abasirikare b’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika bo mu rwego rwa MAPROBU mu Burundi.
Mw’itangazo rya PISC Burundi ryo kuwa 23 Kigarama 2015,PISC Burundi imenyesha ko abashingamateka n’abakenguzamateka bakoze igikorwa cabo co guserukira abanyagihugu mu kweerekana aho bahagaze ku bijanye kandi n’ibihuha vy’ihonyabwoko mu Burundi.
Muri iryo tangazo PISC Burundi imenyesha ko Uburundi bwugarijwe n’ibihe vy’ububeshi kandi ko bifise ingaruka ku gihugu cose.
PISC Burundi isaba ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika guha agaciro ivyipfuzo vy’abarundi no guhagarika umugambi wo kurungika abasirikare mu Burundi kuko ata honyabwoko ririko rirategurwa.
Mu kurangiza PISC Burundi imenyesha ko igikenewe cane ku barundi ari ugufashwa mu bijanye n’uburyo n’ibikoresho kugira barwanye ubukene.
Umusi Reta uhayagiza yishe mwene so canke umwe mubo mumuryango uzosubira kuvuga iki?Burya ntihica ubwoko hica intwaro mbi.Mbega abo basoda baje hokononekara iki nimba abarundi turi mu kuri?Nashaka nsabe umurundi wese ahari areke gukwirikira abadukwegera mu ngorane kubera amaronko.Reka kuba nsumire inda, vuga ukuri nimba wemera Imana.Ayo baguha kugira ugurishe ukuri kwawe uzoyarirahe? Sadam, Khadafi, Mubutu, n’abandi ntavuze hamwe n’abajenerari bamwebamwe ntibaribatunze cane none ubu barihe? y’amahera ari he?Reka kwihambirira kuvy’isi ariko turondere ivy’ijuru.