IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Prezida Obama yasavye Amerika kutihebura

Prezida Obama yasavye Amerika kutihebura

mercredi 13 Mukakaro 2016, par Jean De Dieu

Umukuru w’igihugu Barack Obama yateye akamo Amerika kureka kwihebura igihe yariko arunamira abapolisi bishwe mu bitero vy’i Dallas.

Yavugiye mu gisabisho co kwibuka cabereye muri ico gisagara ko Amerika itegerezwa kurondera ikwiyunga mu gihe iri mu kababaro.Urwo rugendo rubaye mu gihe hari imishamirano y’amacakubiri afatiye ku rukoba hirya no hino mu gihugu.
Micah Johnson yishe abapolisi i Dallas mu gihe hariko haraba imyiyerekano yo kwiyamiriza ubwicanyi bw’abapolisi bwahitanye abirabure b’i Minnesota na Louisiane.

Imbere y’uko yicwa n’igipolisi, yavuze ko yababajwe n’ubwo bwicanyi.
Hagati aho, imyiyerekano yo kwiyamiriza inguvu z’umurengera zikoreshwa n’igipolisi ku birabure yarabaye mu bisagara vyinshi hirya no hino muri Amerika.

Ariko avugira mu kigo ca Morton H Meyerson Symphony mu gisagara ca Dallas ku musi wa kabiri, Prezida Obama yasavye igihugu cose kutihebura. Abanyamerika bariko baragwa inzuka n’ivyabashikiye mu ndwi iheze, kandi biboneka ko vyerekanye "ikosa ku murongo wa demokrasi yacu"."Ndi ngaha kugira mvuge ko dutegerezwa kugwanya ukwihebura. Ndi ngaha kugira mvuge ko tuticiyemwo ibice nk’uko biboneka."

Yashimagije ubutwari bw’abapolisi aho yavuze ko abantu bake barize kubera ubutwari bw’abo bapolisi bishwe.


IGIHE

Messages

  • [ndlr] Ndi ngaha kugira mvuge ko tuticiyemwo ibice nk’uko biboneka." Biragoye kuko birumvikana ko ari ukuremesha intere. Nagira ni muri Africa gusa cane cane mu Burundi. Thomas Periello ko yazananye umuvuduko munini mu bibazo vy’abarundi kandi vyinshi abisize mu gihugu ciwe. Biratangaje.

  • Bakunzi mwese bokukinyamakuru IGIHE,muribuka obama adedemba kubibazo bitamuraba muburundi,nawe nawunywe yashigikikiye imigumuko hano i burundi,gusa twebwe obama ntawe dushaka kuko akandamiza abirabure akagendera kumabwire yabanyaburayi ukamenga ubwenge ntabwagira,obama we!Manda yawe yarangiye uzokwibukwa kumabi wakoze nayivyiza wapi! kandi amaraso yabanye libiya hamwe nabimukira birigwa bagwa muma ocean bahunga baja iburaya nabarundi bapfuye mugihe cimigtmuko,nahandi ntomara mukwandika uragowe satani arakurindiriye!

  • Kakunze ninde yakubwiye ko les occidentaux baza muri Afrika kudufasha gutora ingorane? Kanure nimba hatarengeranye. Nta mu nyaburaya azanwa no kudufasha gutora ingorane nyabuna aza kuraba aho amenera ngo agurishe ibigwanisho, yibe minerais, asahure petrol, ateranye abanyafrika ngo bamarane yongera adominer nta kindi. nayo ahandi ho izo droits de l’homme bitwaza iwabo biracika.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.