IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Prosper BAZOMBANZA yabisikanije na Général Sillas NTIGURIRWA mu burongozi bwa (...)

Prosper BAZOMBANZA yabisikanije na Général Sillas NTIGURIRWA mu burongozi bwa INSS

lundi 18 Ndamukiza 2016, par egide

Uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Prosper BAZOMBANZA asanzwe ariwe aheruka kugenwa mu burongozi bwa INSS (Institut National de Sécurité Sociale), yabisikanije kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2016 na Général Sillas NTIGURIRWA yahora arongoye iryo shirahamwe.

Mu bikorwa Général Sillas NTIGURIRWA yasigiye uwumusubiriye, harimwo ugushira umutahe mu bitaro KIRA kugira bizohore bikorana na INSS mu gufasha kurungika abanywanyi kwivuriza hanze, ibijanye n’ugukukuruka ku basirikare hamwe n’abaporisi b’Uburundi, Ingene INSS yobandanya kwitaho kuvuza abanywanyi bayo, hamwe n’ibijanye n’ugukukuruka kw’abakozi ba INSS.

Prosper BAZOMBANZA, umuyobozi mushasha wa INSS yiyemeje gukorana neza n’abakozi ba INSS, hamwe n’uguharanira inyungu z’abanywanyi ba INSS, iz’abakozi hamwe n’iz’igihugu c’Uburundi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.