IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > RD Congo :Abakozi batatu ba ONU banyurujwe

RD Congo :Abakozi batatu ba ONU banyurujwe

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Abakozi batatu b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU banyurujwe ku birometero 30 uvuye ku murwa mukuru w’intara ya Goma. Abanyuruje abo bakozi gushika ubu ntibaramenyekana.

Muri abo banyurujwe harimwo babiri bava mu gihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nyene hamwe n’uwundi umwe ava mu gihugu ca Zimbabwe. Bose bakorera mu gisata ca ONU muri Kongo Monusco, mu bijanye no gutegura ibisasu. Amakuru dukesha ikinyamakuru c’abafaransa RFI avuga ko ivyo vyabaye nk’igihe c’isaha icumi n’imwe z’umugoroba kuri uyu wa kane, igihe bari bagiye gutegura ibisasu bari bamenyeshejwe ku munsi wa gatatu. Gushika mw’ijoro ryo kuri uno wa kane, abanyuruje abo bakozi ba ONU ntibari bwamenyekane.

Ibintu bimeze ukwo, mu gihe kuwa gatatu, buramatari w’intara ya Kivu yo Mu Buraruko Julien Paluku yari yemeje ko hari abasirikare b’igihugu c’Urwanda binjiye muri Kongo, haba indwano, umusoda umwe wa Kongo arakomereka, mu gice co mu Buraruko bwa Goma. Hervé Ladsous, icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU ajejwe ibikorwa vyo kugarukana amahoro avuga ko hakiri amakenga ariko ko batoshobora kwemeza ku mugaragaro ko hari abasirikare bari muri ico gice.

Ku bwiwe, avuga ko ibiriko biraba muri ico gice c’intara ya Kivu yo mu Buraruko vyerekana ko hakiri umutekano muke muri ico gice.


Van Naris Mugisha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.