Accueil > Kwidagadura > Gospel > Redemption voice yaratumiwe mw’ihiganwa i Londres
Redemption voice yaratumiwe mw’ihiganwa i Londres
mercredi 26 Ruheshi 2013
Redemption voice ni umurwi ugizwe n’imisore indwi n’umwigeme umwe gusa. Uwo murwi wavutse mu mwaka w’2010, ariko batanguye gukorera hamwe mu mwaka w’2007 aho bahuriye hamwe bariko bitegurira kwinjira muri chorale yaho basanzwe basengera.

Mu mwaka w’2008 niho berekana akaririmbo kiswe "Wogejwe" aho bagize ndirimbo itarimwo ibikoresho vy’umuziki Accapela. Aho niho babonetse ubwa mbere, bakaba bagiye kugira izina "Redemption voice" mu mwaka w’2010. Mu ntumbero yo kumenya vyinshi kuri uwo Twashimye kubashikiriza ikiganiro
IGIHE : Mwotubwira igituma uwo murwi mwawise redemption voice?
Redemption voice : Twatoye izina Redemption voice twishimikije ijambo ry’Imana ku basoma bibiliya riri muri Luka 4:18, ikaba ivuga ko Yesu yaje kubwira imbohe ko zibohotse, ibimuga biramuguka,.... Redemption voice bisigura "ijwi ry’ubucunguzi"
IGIHE : Mbega umurwi wanyu woba umaze gusohora indirimbo zingahe?
Redemption voice : Mu ntango tugitangura twaririmba umwe umwe indirimbo ku giti ciwe ahandi naho tugafashanya n’abandi baririmvyi. Mu nyuma niho twakoze urukurikirane rw’indirimbo twise "yuguruye ntawugara". Urwo rukurikirane rukaba rugizwe n’indirimbo 11.
IGIHE : Kubera iki mwatoye iryo izina "yuguruye ntawugara" muri urwo rukurikirane?
Redemption voice : Twatoye iryo zina turavye ubunini bw’Imana, ivyo idukorera buri musi. Ni nka kurya bavuga mu kirundi ngo "uwuhagarikiwe n’ingwe aravoma", ,iyo rero Imana yuguruye ntawugara.
IGIHE : Mbega uburyo mubukurahe iyo mushaka gukore ibikorwa vyanyu na rirya mu murwi wanyu harimwo abanyeshure?
Redemption voice : Abagenzi baradufasha, incuti n’ishengero baradushigikira
IGIHE : Mbega murafise uwubafata mu mugongo umwe bita umu manager?
Redemption voice : Nta mu manager dufise ariko mu gihe twariko turitegura gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo, hari umurwi w’abantu badufasha twari twabise aba manager kugira badutegurire ivyo birori.
IGIHE : Mbega hari ubushimwe mwoba mumaze kuronka kuva mutanguye kuririmba ?
Redemption voice : Duheruka kuronka agashimwe bitiriye ‘’Music Awards’’ muri competition Groove Awards yabereye muri Kenya haraheze nk’ukwezi, harimwo abahiganwa benshi ariko twaratowe mu bandi turaronswa agashimwe. Hari ihiganwa ryateguwe mu gihugu c’ubwongereza, i Londres igenekerezo rya 07 Mukakaro 2013. Iryo higanwa rikaba ryitwa Afrika music Awards 2013, categorie meilleur artiste central.
IGIHE : Mbega ni izihe ngorane mukunda guhura nazo mu mwuga wanyu?
Redemption voice : uburyo buracatugoye kuko twashaka kw’ijwi ryacu ryoshika kure.
IGIHE : Mbega umurwi wanyu ufise izihe ndoto muri kazoza?
Redemption voice : N’uko twipfuza ko ubukomezi bw’Imana bugaragarira mu ndirimbo zacu, kurya abavugabutumwa basenga ibimuga bikamuguruka, impumyi zigahumuka, natwe twipfuza ko turiko turaririmba ibimuga bimuguruka, abarushe bakaruhuka.
Ikindi naco twipfuza n’uko ubutumwa dutanga bwoshika kure cane mu mpande zine z’isi.
IGIHE : Mbega mukora gute ko muri benshi nko kwandika nk’indirimbo ni gute mubigenza?
Redemption voice : turubaha iciyumviro c’umwe umwe wese ni ukuvuga azanye indirimbo turarabira hamwe ikibuze tukacongeramwo. Mu bisanzwe dukorana neza cane.
IGIHE : ni akahe kamo mwotera abarundi n’abakunzi b’indirimbo zanyu?
Redemption voice : twobatera akamo ntibacike intege n’ibibakikije, ingorane zitandukanye ahubwo Imana yacu ni Imana iyo yuguruye atawugara, kandi iyo yugaye ntawugurura. Imana ishobora kwugurura uturyo .
IGIHE : Ni igiki mwishimira kugeza uno musi?
Redemption voice : Turishimiye ukungene Imana iguma idutangaza ntitwari tuzi ko twoshika aho tugeze ubu ni ubuntu bw’Imana. Ariko rero hari ikibanza utegerezwa guhagararamwo kugira uronke ubwo buntu, hari amavuta usigwa mu gusenga.
Floxella Karire
Messages
26 Ndamukiza 2016, 16:45, par Niyomwungere Eric
uyumugwi nifuza kuba. incuti yabo.
31 Mukakaro 2016, 17:10, par ingabire kevin
nari nipfuza kwifatanya namwe
31 Mukakaro 2016, 17:10, par ingabire kevin
nari nipfuza kwifatanya namwe