IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Redemption Voice > Redemption Voice yasohoye DVD irimwo ibikorwa vy’imyaka ibiri

Redemption Voice yasohoye DVD irimwo ibikorwa vy’imyaka ibiri

jeudi 11 Kigarama 2014

Umurwi w’abaririmvyi Redemption Voice washize ku mugaragaro icegeranyo kirimwo ibikorwa vyakozwe mu myaka ibiri. Bategura kandi gushira ahabona urundi rukurikirane rw’indirimbo zabo hamwe no kwagura imihora mu gukorana n’abaririmvyi bo mu karere.

Umurwi ugizwe n’abahungu 6 n’umukobwa umwe bise Redemption Voice washizweho mu ntumbero yo gutanga ubutumwa bw’urukiza, waratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru. Bashira ahabona icegeranyo c’ibikorwa vy’imyaka ibiri kuva mu mwaka w’2013 gushika 2014. Ico cegeranyo "DVD" kiri kumwe n’isanamu nshasha y’ururirimbo rwakunzwe cane "Warakoze", kikaba kirimwo ibi bikurikira : ibiteramo vyakozwe kuva mu mwaka w’2013 na 2014, amahiganwa yo mu gihugu canke mu makungu Redemption Voice bitavye, aho baronse ubushimwe naho bataburonse, ibibazo n’abamenyeshamakuru (interviews) hamwe n’intahe zakozwe n’umurwi.
Akabirya rero n’isanamu y’ururirimbo "Warakoze" rumaze iminsi rubica bigacika mu mahiganwa.

Nk’uko bivugwa na Eric Mugisha aserukira umurwi Redemption Voice, iyo DVD na Clip-Video bisohokeye hamwe kibaye igikorwa ca mbere c’umurwi ariko rero akari imbere karahinda, ati : "Ntitugiye kwicara kuko urugendo dufise imbere yacu ni rurerure kandi inguvu n’ubushobozi bwo kubandanya turabifise". Ivyo abivuga mu gihe urukurikirane rugira kabiri rw’umurwi ruri mugusohoka, indirimbo zigera kuri 8 ziramaze gukorwa. Uwo mukuru w’umurwi afadikanije na bagenzi we bavuga ko umugambi wo gukorana n’abanyarwanda ugeze kure.

Mwomenya ko urwo rukurikirane rushasha rwasohotse rugurwa amafaranga ibihumbi cumi y’amarundi (10.000 Frs Bu), mu gihe bizwi ko n’isanamu imwe ihora igurishwa ayo mahera nyene. Redemption Voice bavuga ko bashatse ko uwo wese yipfuza kumenya ibikorwa vy’umurwi yoronka iyo DVD bitamugoye kandi ruje gutanga ubutumwa bw’agakiza kuri benshi. Iyo ya nyuma iriko igurishirizwa kuri "Umuco Market, Ceprodillic, ku GAHARAWE muri Ngagara ya 3".

Raba aha munsi isanamu y’ururirimbo rwitiriwe urukurikirane "Yuguruye Ntawugara"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.