IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Reta ya Centrafrika yemeye kuganira n’abarwanyi

Reta ya Centrafrika yemeye kuganira n’abarwanyi

jeudi 27 Kigarama 2012

Ubufaransa bwarungitse ingabo zo kuja gukingira ibiro vy’uhagrariye ico gihugu muri Centrafrika, inyuma y’imyiyerekano y’abiyamiriza leta ya Francois Bozize.
Abari mu myiyerekano bagiriza leta ko yananiwe kurwanya abitwaje ibirwanisho.

Umushikiranganji wo kwivun’abansi w’Ubufaransa yavuze k’umutekano wongeye kugaruka inyuma y’aho abari mur’iyo myiyerekano batereye amabuye bagatabura ibendera y’Ubufaransa ku biro vy’ubuhagarariye iBangui.

Abarwanyi bashaka gutembagaza ubutegetsi bwa president Francois Bozize bamaze kwifatira imiji myinshi.

Hari amakuru avuga ko bariko basatira umurwa mukuru Bangui

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu muri Centrafrika Margaret Vogt yavuze ko hategerezwa kubahirizwa ihagarikwa ry’intambara mu kiringo c’agateganyo kugirango ibiganiro bishoboke.

Yavuze ko mu turere twinshi abarwanyi bahafashe bitabagoye.

Abo barwanyi babwiye abasirikare ba president Francois Bozize gushira hasi ibirwanisho.

Ariko rero ngo ntibateganya kwinjira mu murwa mukuru Bangui, nk’ uko Margaret Vogt abivuga.


Joël Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.