Rwanda : Ibinyamakuru bitatu vyarafashwe n’igipolisi

Yanditswe na Egide Nduwimana
Kuya 7 juin 2013 saa 01:05
Yasomwe : 2313
0 0

Mu gihugu c’Urwanda, ibinyamakuru bitatu vyigenga vyarabujijwe gusohoka ku soko kuva ku musi wa kabiri w’iyi ndwi, vyose bikaba vyafashwe n’inzego z’umutekano bivuye mw’iyandikiro mu gihugu ca Uganda.
Ivyo binyamakuru vyafashwe ni Rushyashya, Impamo hamwe na Intego, vyose vyigenga kandi vyandikwa mu Kinyarwanda.
Intego ni kimwe mu binyamakuru vyigenga bishasha vyandikirwa mu gihugu, gisohoka kabiri mu kwezi, kimaze amezi atandatu gusa gitanguye. Ubuyobozi bwaco buvuga ko ari ubwa mbere (...)

Mu gihugu c’Urwanda, ibinyamakuru bitatu vyigenga vyarabujijwe gusohoka ku soko kuva ku musi wa kabiri w’iyi ndwi, vyose bikaba vyafashwe n’inzego z’umutekano bivuye mw’iyandikiro mu gihugu ca Uganda.

Ivyo binyamakuru vyafashwe ni Rushyashya, Impamo hamwe na Intego, vyose vyigenga kandi vyandikwa mu Kinyarwanda.

Intego ni kimwe mu binyamakuru vyigenga bishasha vyandikirwa mu gihugu, gisohoka kabiri mu kwezi, kimaze amezi atandatu gusa gitanguye. Ubuyobozi bwaco buvuga ko ari ubwa mbere gihagarikwa.

Nk’uko amakuru dukura kuri BBC abimenyesha, umuyobozi mukuru w’Intego, Marie Louise Uwizeyimana avuga ko hafashwe impapuro(copies) z’ikinyamakuru zigera ku bihumbi bibiri.
Bagenzi bacu bo kuri BBC baragerageje kuvugana n’igipolisi c’igihugu kuva ejo, ariko ntivyakunda.

Gushika ubu, nta mpamvu itangazwa ku mugaragaro yatumye ivyo binyamakuru bisanzwe vyandika amakuru ku butungane na politike bihagarikwa.
Abayobozi b’ivyo binyamakuru vyahagaritswe bavuga ko bataramenya impamvu zo gufatwa kw’ibinyamakuru vyabo.

Mu misi iheze, mu Rwanda hahagaritswe n’ibindi binyamakuru vyigenga akatari gake, ndetse bamwe mu banditsi bakuru bavyo bacirwa urubanza badahari na sentare zo mu Rwanda, inyuma yo kwagirizwa icaha co gusohora inkuru zicanishamwo.

Twobamenyesha ko ubu abayobozi b’ivyo binyamakuru vyahagaritswe bavuga ko batewe agahombo n’iryo hagarikwa, ariko kandi ko iyo ngingo yafashwe ifise n’ingaruka kw’itangazamakuru ubwaryo kuko na kenshi ryagirizwa kuba ritigenga.

Umwe mu bayobozi b’ivyo binyamakuru vyabujijwe gusohoka, yahishukiye abamenyeshamakuru bo kuri BBC ko ihagarikwa ry’ivyo binyamakuru rishobora kuba rifitaniye isano n’inkuru yanditse zitari bwatangazwe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha