Rwanda : Imvura nyinshi yahitanye abantu cumi

Yanditswe na Egide Nduwimana
Kuya 8 mai 2013 saa 01:30
Yasomwe : 1224
0 0

Mu karere ka Gakenke na Rulinda haravugwa imvura imaze iminsi ibica bigacika, yahitanye abantu 10, isambura amazu, yonona imirima. Ibarabara rihuza Kigali n’amajaruguru rirasenyuka.
Abategetsi bo mu bushikiranganji bw’intwaro yo mu gihugu ariko bamenyesheje ko hari inzira bamaze kubona imodoka zija mu maja ruguru zivuye i Kigali zoba ziracamwo.
Imiryango mirongo umunani n’itanu niyo imaze gukurwa mu zabo. Umuyobozi w’akarere ka Rulindo, Niwemwiza Emilienne yavuze ko imiryango amajana icenda (...)

Mu karere ka Gakenke na Rulinda haravugwa imvura imaze iminsi ibica bigacika, yahitanye abantu 10, isambura amazu, yonona imirima. Ibarabara rihuza Kigali n’amajaruguru rirasenyuka.

Abategetsi bo mu bushikiranganji bw’intwaro yo mu gihugu ariko bamenyesheje ko hari inzira bamaze kubona imodoka zija mu maja ruguru zivuye i Kigali zoba ziracamwo.

Imiryango mirongo umunani n’itanu niyo imaze gukurwa mu zabo. Umuyobozi w’akarere ka Rulindo, Niwemwiza Emilienne yavuze ko imiryango amajana icenda ariyo itegerezwa gukurwa muri ako karere kuko gashobora kwizizirwa n’ibindi biza.

Niwemwiza Emilienne yamenyesheje kandi ko iyo miryango igera ku majana icenda itegerezwa kuba yimuwe mu kwezi kwa Ruheshi uyu mwaka turimwo, abatishoboye Leta ikazobafasha kwubaka ibirwati ahantu hazoba hari umutekano.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha