Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda : Intsinzi y’umugambwe FPR-Inkotanyi mu matora y’abashingamateka
Rwanda : Intsinzi y’umugambwe FPR-Inkotanyi mu matora y’abashingamateka
mercredi 18 Nyakanga 2013
Inyuma yo guharura amajwi yavuye mu matora mu turere twose tw’igihugu, umurwi w’igihugu ujejwe ujejwe gutegura amatora yarashize ahabona amajwi y’agateganyo yavuye mu matora rusangi y’abashingamateka 53 bazoja mu nama nshingamateka. Umugambwe FPR- Inkotanyi (Front Patriotique Rwandais) uza kw’isonga n’amajwi 76.22 kw’ijana.
Nk’uko tubikesha bagenzi bacu bo mu gihugu c’Urwanda, ibiharuro biva matora y’abashingamateka yo kuwa 16 Nyakanga 2013 vyerekana ko umugambwe FPR Inkotanyi n’iyindi migambwe bunze urunani ariyo PDC, PDI, PPC na PSR baza kw’isonga n’amajwi aruta kure ay’abandi, ku buryo biharije n’imiburiburi intebe zirenga 3/4 vy’abazoja mu nama nshingamateka, ikaba kandi mu runani na FPR-Inkotanyi ya Paul Kagame ari ku butegetsi haraheze imyaka hafi 20.

Iyindi migambwe nayo yari mw’ihiganwa yagabanganije amajwi asigaye. PSD (Parti Social Démocrate) yaronse amajwi angana n’ibice 13.03 kw’ijana, umugambwe PL (Parti Libéral) nawo uronka ibice 9.29 kw’ijana. Iyo migambwe yompi ikaba ariyo yahora iri mu nama nshingamateka.
Umugambwe PS imberakuri waronse ibice 0.56 kw’ijana, ukaba utaronse uburenganzira bwo kuronka intebe mu nama nshingamateka kuko utashoboye gushitsa n’imiburiburi ibice 5 kw’ijana bisabwa n’amategeko.
N’abari bitoje ku gatwe kabo nta n’umwe yashoboye kuronka intebe mu nama nshingamateka : Mwenedata Gilbert yatahukanye ibice 0.42 kw’ijana, Mutuyimana Leonille ibice 0.15 kw’ijana, Ganza Clovis ibice 0.19 kw’ijana hamwe na Bizirema Venuste yatahiye ibice 0.16 kw’ijana.
IGIHE