IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Rwanda > Rwanda Mountain Gorilla Rally 2016 : Bukera Valery yatahukanye ikibanza ca (...)

Rwanda Mountain Gorilla Rally 2016 : Bukera Valery yatahukanye ikibanza ca mbere

mardi 16 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Bukera Valery asanzwe ariwe yari yatahukanye ikibanza ca mbere ku munsi ugira kabiri w’ihiganwa rya "Rwanda Mountain Gorilla Rally 2016" kuri uwu wa gatandatu, yongeye kwigenza neza ku munsi wa nyuma kuri uwu w’Imana, atahukana intsinzi muri iryo higanwa ryari ryitabiriwe n’ibihangange nka Muna Singh wo muri Zambia hamwe na Don Smith wo muri Kenya.

Umurundi Bukera Valery hamwe na Nital Khetia bari bafadikanije, babaye aba mbere, mu gusiga abandi muri Rally, bakaba bakoresheje umwanya ungana n’isaha 01:48:01, bakurikirwa n’umunya Zambia Muna Singh w’imyaka 19 akaba nimero ya kabiri muri Afrika yose, nawe yari afadikanije na mushiki we Jasmeen Singh w’imyaka 16, bakoresheje, bompi bakaba bakoresheje umwanya ungana n’isaha 01:49:06. Aho ni mu gihe Abaganda Hassan Alwi na Musa Nsubuga babaye aba gatatu bakoresheje isaha 01:54:43.

Uwundi murundi Cantanhede Rudy yari wabaye uwa kabiri kuwa gatandatu, ntiyashoboye kurangiza ihiganwa kuko yagize ikibazo c’imodoka, amaze gukora agace ka mbere ka Nemba – Muhazi k’ibirometero 8,28.

Abanyarwanda baronse ibibanza vya hafi mu miduga 13 yari yatanguye iryo higanwa ni babiri : Gakwaya Jean Claude na Mugabo Jean Claude babaye aba kane muri rusangi, Gakwaya Eric na Uwadata Marius baza mu kibanza ca 12.

Uko indwi ba mbere bakurikiranye :

1. Bukera Valery & Nital Khetia (Burundi) : Subaru Impreza - 01:48:01

2. Muna Singh & Jasmeen Singh (Zambia) : Subaru Impreza - 01:49:06

3. Hassan Alwi & Musa Nsubuga (Uganda) : Subaru Impreza - 01:54:43

4. Gakwaya Jean Claude & Mugabo Jean Claude (Rwanda) : Subaru Impreza -
02:00:27

5. Roshanali Mohamed & Habimana Youssouf (Burundi) : Subaru Impreza - 02:01:53

6. Sultan Kalula & Fahad Massoud (Burundi) : Subaru Impreza - 02:04:31

7. Smith Don & Kaugi Bob (Kenya) : Subaru Impreza- 02:05:10


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.