IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Seraphin’s song uritegurira gusohora amasanamu ya DVD’’ impundu’’

Seraphin’s song uritegurira gusohora amasanamu ya DVD’’ impundu’’

jeudi 27 Ruheshi 2013

Seraphin’s songs n’umurwi w’urwaruka rwo muri komine Ngagara uririmba indirimbo z’Imana .Uwo murwi wavutse igenekerezo rya 2 Myandagaro 2006.Ikinyamakuru igihe cashimye kubagirisha ikiganiro kugira bamenyeshe abakunzi babo ibikorwa vyabo n’ivyo bategekanya gukora muri kazoza.

IGIHE :Mbega mwotubwira umurwi wa SERAPHIN’S SONGS wavutse ryari ?

SERAPHIN’S SONG :Umurwi wa seraphin’s song watangujwe n’urwaruka rwo mu ngagara rwipfuje gukorera hamwe mu bwigenge kuko aho bari basanzwe baririmbira wasanga hari ibintu bimwe bimwe batemera

IGIHE :Mbega kubatabazi uwo murwi wuguriye abantu basengera mu madini yose canke ni abahurikiye mw’idini katolika gusa canke hoba hari igisabwa kugira umuntu yinjire muri uwo murwi wanyu ?

SERAPHIN’S SONG :Oya umurwi wacu urahurikiyemwo n’abandi bari mu yandi madini atari katolika gusa,kandi twaherewe ubuntu natwe dutangira ubundi ni nayo mpamvu ataco dusaba mu kugira umuntu yinjire.

IGIHE :Mbega mwoba mumaze gusohora indirimbo zingana gute ?

SERAPHIN’S SONG :tumaze gusohora album zibiri imwe yitwa’’ la solution de tout’’ yasohotse mu kwezi kwa kigarama 2009,mu mwaka w’2011 niho twaciye dusohora amasanamu tubicishije mu giteramo cabaye mu mwaka wa 2011.

Mu mwaka wa 2012 naho niho basohoye iyindi Album yitwa ‘’ IMPUNDU ‘’

IGIHE : Mbega ni kuberi iki iyo album mwayise impundu ?

SERAPHIN’S SONG :Twayise IMPUNDU dufatiye ku karanga k’abarundi aho iyo umuntu yibarutse canke hari akandi kanyamuneza hari umunezero mu muryango baravuza impundu .twabitumwe n’uko twariko dushimira Imana ukuntu ituba hafi mu bihe vyiza no mu bihe bibi umuntu ashobora gucamwo vyose.

IGIHE : Mbega umurwi Seraphin’s song yoba imaze kuronka ?

SERAPHIN’S SONG :twararonse agashimwe kitwa ‘’best religious gospel group’’aho twagaherewe mu gihugu ca cote d’Ivoire .Tukaba twakaronse kubw’indirimbo impundu.

IGIHE :mbega vyoba vyagenze gute kugira muje muri iryo higanwa ?

SERAPHIN’S SONG :ntabwo twigeze twiyandikisha ahubwo twashize indirimbo yacu kuri youtube hama bacabaradutora mu bazoja muri iryo higanwa KORA AWARDS,hama turatorwa.

IGIHE :Mbega ko mwatubwiye ko muri abo bari muri uwo murwi abenshi ari urwaruka ,mufashwe mu mugongo na bande ?

SERAPHIN’S SONG :Dushigikiwe na cane cane n’abavyeyi hamwe ni intererano zacu bwite,hamwe n’abantu batwiyumvamwo baza baradufasha

IGIHE : ni zahe ngorane mukunda guhura nazo mu bikorwa vyanyu vya misi yose ?

SERAPHIN’S SONG :Ingorane n’uko tudafise uwudufata mu mugongo umwe bita umu manager ikindi naco ngo ni uko hari indirimbo zimwe usanga ziguma zibitswe ku mvo zuko batararonka uburyo bwo gusohora, turatinya kuzishira ahabona kuko atahantu hakingiwe kugira indirimbo umuntu aba yakoze ntitwarwe n’abandi.Haracari ibibazo mu vyerekeye ivya ‘’droit d’auteur’’.Gushika ubu nta muntu aboneka adufasha mu buryo.

IGIHE :mbega biroroha kwandika izo ndirimbo muri benshi ?

SERAPHIN’S SONG :Biroroha kuko ni ingabire nyishi ziba zigiye hamwe .

IGIHE :Umurwi seraphin’s urota gushika he muri kino gihe ?

SERAPHIN’S SONG :Twifuza gushika no mu makungu tugatanga ubutumwa hose kw’isi.

IGIHE :Ni akahe kamo mwotera urundi rwaruka ?

SERAPHIN’S SONG :duhamagarira abantu kugira urukundo rw’Imana .Imana yagaragaje urukundo mu gutanga umwana wayo ngo n’uko twogira amahoro ava kuri urwo rukundo Imana itanga.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.