Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sudani y’epfo : Abanyagihugu baronse agahengwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Sudani y’epfo : Abanyagihugu baronse agahengwe

Sudani y’epfo : Abanyagihugu baronse agahengwe

mardi 12 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Mu gisagara ca Juba, ku murwa mukuru wa Sudani y’epfo hasubiriye gutekana inyuma y’intureka zari zimaze iminsi ziharangwa, zikaba zahitanye abantu baharurwa mu majana.

Umukuru w’igihugu Salva Kiir n’icegera ciwe Reik Machar bompi basavye ababashigikiye guhagarika ingwano.

BBC ivuga ko abantu baharurwa mu bihumbi basinzikajwe n’ukwo gutana mu mitwe bahungiye mu makambi ya ONU, mu mashuri hamwe no mu masengero.

Mu gihe amakenga ari menshi ko Sudani y’epfo ishobora gusubira mu ntambara, Salva Kiir hamwe Reik Machar bompi bagabishwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Amerika hamwe n’ibihugu bibanyi, bagasabwa kwubahiriza amasezerano y’uguhagarika intambara bateyeko umukono uko ari babiri.

Tubamenyeshe ko i shirahamwe ryishinze guharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch risaba akanama ka ONU gashinzwe umutekano kw’isi gufatira Sudani yo mu bumanuko ibihano ku birwanisho kugira ubwicanyi buri muri ico gihugu buhagarare.

Akshaya Kumar, icegera c’umuyobozi wa ONU muri Human Rights Watch, yamenyesheje kuwa mbere igenekerezo rya 11 Mukakaro 2016 ko ivyo vyoca bituma indege za kajugujugu za Reta zidasubira kugaba ibitero kandi bikagabanura inguvu z’imirwi irwana ku bitero igaba ku banyagihugu.

Kumar yamenyesheje ko umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon yatomoye neza kuwa mbere ko ashigikiye iyo ngingo.

Muri kahise, Uburusiya n’Ubushinwa basanzwe bafise icicaro ntahegeyezwa muri ako kanama barahakanye ibihano nk’ivyo kuri Sudani yo mu bumanuko.

Kumar ahamagarira ibihugu 15 vyose bigize ako kanama harimwo n’ivyo muri Afrika nka Misiri, Angola na Senegal gutora iyo ngingo kandi ko coca gishirwa mu ngiro ako kanya nyene.

Mu gihe bose bovyemeranya, umuntu wese azogaragara ko agurisha ibirwanisho canke afata mu mugongo iyo mirwi muvya gisirikare, azoca ahanwa n’amategeko mpuzamakungu, Kumar niko abandanya avuga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.