Accueil > Amakuru > Mu makungu > Swaziland:Itegeko ribuza kwambara ijipo ngufi rigiye gukurikizwa
Swaziland:Itegeko ribuza kwambara ijipo ngufi rigiye gukurikizwa
lundi 24 Kigarama 2012
Mugihe abakobwa amajana n’amajana badasiba kudefira uko umwaka utashe imbere y’umwami wo muri Swaziland bambaye izuba,igipolisi co catangaje kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 24 Kigarama ko kigiye gushira mungiro bimwe biboneka itegeko ribuza kwambara utujipo tugufi.
Nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi w’igipolisi ,Wendy Hleta ku kinyamakuru The indepandent Online News,ngo itegeko ryo mu 1889 ribuza kutikwiza rigiye gukurikizwa,kuko uwuzobirengako azohanishwa umunyororo w’amezi atandatu.
Invo zitangwa n’igipolisi co muri Swaziland kibicishije ku mu vugizi waco ngo akaba aruko kutikwiza bituma ugufatwa ku nguvu bigwira.Ati«Gufata ku nguvu biroroha kuko gukura umuntu agahuzu gasanzwe ari gato ntibigoye ».Ngo n’ama pantaro ataduga ngo ashike neza mw’iyambariro arabujijwe.
Ariko rero iryo tegeko ntirizofata impuzu ndanga karanga zambagwa mubihe vy’umusi mukuru ,izo nazo n’uduhuzu dutoduto twambarwa n’abakobwa b’abayabaga batamba indirimbo ndanga karanga,uwo munsi mukuru uba uko umwaka utashe mukwezi kwa Kigarama.
Abigeme b’abayabaga bataragira amabanga mpuza bitsina akaba aribo batamba imbere y’umwami Mswati wa3, bambaye uduhuzu tudafuka amabere hamwe n’imitamana ifuka igihimba c’irondoka gusa ahasigaye hakaboneka , murabo umwami akaba afise uburenganzira bwo gutora mwo umugore mushasha.
Marie Claire Ingabire
Messages
17 Nyakanga 2016, 19:10, par NDUWIMANA
AMAPORONA